Accueil > Amakuru > Poritike > Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe rya CNDD FDD ryitezwe i Gitega
Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe rya CNDD FDD ryitezwe i Gitega
jeudi 18 Myandagaro 2016, par
Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ritegekanijwe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2016, mu ntara ya Gitega, kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo.
Iryo koraniro ryari ryabaye ubwa mbere ku magenekerezo ya 18 na 19 Ruheshi 2016 mu ntara ya Ngozi, rikaba ryari ryungururijwe ku rindi sango ritari bwamenyeshwe.
Muri iyo ncuro ya mbere y’iryo koraniro Kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD i Ngozi, ryasozerewe hadatowe uwugiye gusubirira Pascal NYABENDA yahora aramutswa uwo mugambwe, nk’uko vyari vyavuzwe. Amatora y’indongozi nshasha za CNDD FDD akaba ategekanijwe kuri uwu wa gatandatu.

Amakuru ataremezwa n’uburongozi bwa CNDD FDD avuga ko ico kiringo catanzwe kugira bahe umwanya umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wo kwemeza amategeko mashasha agenga uwo mugambwe yashizweho muri iryo koraniro. Amwe muri ayo mategeko mashasha akaba ari ukwemeza ko uwo mugambwe utwarwa n’umunyamabanga mukuru, uwo nawe akaba ari umukuru w’inararibonye z’uwo mugambwe.
IGIHE
Messages
18 Myandagaro 2016, 18:42, par KAGABO
IMANA IBAJE IMBERE GUKO TURI MUBIHE BIGOYE CANE.
18 Myandagaro 2016, 18:52, par KIGOMA
ARIKO BIRAGARAGARA KO HARIKIBAZO MUBAGUMYABANGA BITWA BAKURU!NIMWIBUKE IYO MWAVUYE MWIYUBAKE ABANSI BARAKAKA TUTIBAGIYE ABANYAMAHANGA BAGOMBA KUDUTA MU KAGA.
20 Myandagaro 2016, 07:03, par turaje
abantu babagabo bambara ibipurizo mwijosi nihatari kbs
20 Myandagaro 2016, 13:42, par rutahintare.
nimugerageze muratubwira uko vyagenze ariko murabe neza.