Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikurwa ry’umuyobozi wa ETS siwo muti w’ibibazo bihari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikurwa ry’umuyobozi wa ETS siwo muti w’ibibazo bihari

Ikurwa ry’umuyobozi wa ETS siwo muti w’ibibazo bihari

dimanche 9 Ruhuhuma 2014

Ikurwa ry’umuyobozi w’ishure ry’imyuga ETS Kamenge siwo muti gusa wo gutorera inyishu ibibazo bihari. Muri sendika y’abigisha STEB basaba ahubwo ko hokorwa amatohoza akomeye kugira ingorane zagiye zibonekeza kuva muri kahise kuri iryo shure zitorerwe umuti, nk’uko bivugwa na Eularie Nibizi arongoye iyo sendika.

Umushikiranganji w’amashure matomato n’ayisumbuye, Rose Gahiru yarafashe ingingo ku munsi wa gatanu yo kubogoza umuyobozi w’ishure ry’imyuga ETS Kamenge hamwe n’umuyobozi w’ubuhinga kuri iryo shure, bazira kunanirwa gushira ku murongo abo bajejwe kurera, n’akajagari kahamaze iminsi. Muri sendika STEB y’abigisha irongowe na Eularie Nibizi barashima iyo ngingo, ariko basaba ko amatohoza akomeye yokorwa.

Kubwa Eularie Nibizi, ingorane zo muri ETS zamyeho kuva no muri kahise, ni naco gituma bokwiga ingorane guhera mu mizi. Ikurwa ry’abo bayobozi kubwiwe ni nko gukura ubushuhe gusa, ariko indwara yo ikagumaho. Eularie Nibizi asaba ko ahubwo ko hoba ibiganiro ataguhendana. Asaba kandi abo bose bahagize ikirimbiro batahakorera ibikorwa vya poritike.

Mu gihe rero kuri uno munsi w’Imana ari isango ryari ryatanzwe n’umushikiranganji ko abanyeshure bazanana n’abavyeyi, amakuru yo kwizera dukura kuri iryo shure atumenyesha ko mu kanama bariko baragira kuri uno w’Imana hoba hafashwe ingingo yo kwirukana abanyeshure batatu aribo uwo bita komiseri (Nkeshimana Jean Claude), Mariko umunyeshure yavuze ko yahawe ishano hamwe n’uwitwa Ferdinand yoba ari nawe yatanze amakuru ko hoba hari ubwicanyi buriko burategurwa kuri iryo shure. Aya makuru tukaza kubandanya tuyabatohoreza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.