Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Imbonerakure za CNDD FDD zagirijwe gufata ku nguvu abagore
Yanditswe taliki ya 28-07-2016 - isaha 09:34' na IGIHE

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryagiriza urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi (Imbonerakure) ugusambanya no gufata abagore ku nguvu.

Icegeranyo gishasha casohowe n’iryo shirahamwe kivuga ko Imbonerakure zabandanije ugufata abagore ku nguvu, kuva aho ibibazo vya poritike bitanguriye mu Burundi, mu kwezi kwa Ndamukiza, umwaka w’2015.

Iyo cegeranyo kivuga ko ahanini ababangamiwe n’ukwo gufatwa ku nguvu ari abagore bo mu miryango y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abakorewe ukwo gufatwa ku nguvu babwiye Human Rights Watch ko inyuma y’aho bahuye n’ingaruka mbi zituruka ku bikorwa bibi bakorewe. Izo ngaruka zirimwo ibikomere, indwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina, gusama inda batari bashaka, n’ibindi.

Abashakashatsi ba Human Right Watch bakoze ayo matohoza bavuga ko bamwe mu bagore bafashwe ku nguvu bavuganye nabo bemeza ko imbere y’ugufatwa ku nguvu, imisore y’imbonerakure za CNDD FDD yabanza kubaboha, mu nyuma bagasambanywa n’abagabo barenze umwe, imbere y’abana babo.

Human Rights Watch ivuga ko yavuganye n’abagore 70 mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka w’2016, mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta iri muri Tanzaniya. Iyo kambi y’i Nduta ni imwe mu makambi atatu y’impunzi arimwo Abarundi barenga 140.000

Abo bagore babwiye Human Right Watch ko bafatiwe ku nguvu hafi y’ingo zabo bakiri mu Burundi. Muri abo babafata ku nguvu, abo bagore bavuga ko haba harimwo n’abambaye impuzu z’igiporisi c’Uburundi.

Itangazo umugambwe CNDD FDD wasohoye kuri uwu wa kabiri, imbere y’umunsi umwe gusa kugira ico cegeranyo gisohoke, ryagiriza amashirahamwe nka Human Rights Watch, FIDH (Federation Internationale des Droits de l’Homme), League Iteka, Amnesty International, ko afise intumbero yo kwifatanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi.

Umugambwe CNDD-FDD usanzwe ariwo izo Mbonerakure zikomokako usaba ko Reta y’Uburundi yofatira ibihano ayo mashirahamwe yose yagirizwa ko ata kindi akora atari kwambika ibara umugambwe CNDD FDD na Reta yawo.

Ivyiyumviro vyanyu

Ahahaaaa.Ntacyonumtva.

27.10.2016 à 21:58
Nintambara

Barabuz Ivyo Bagiriza Imbonerakure Kuk Atanakimw Kigaragara (exemple Concrêt) Bokwerekana. Ivyo Bavyita #Gukinda.Com

15.10.2016 à 13:49
John Kassim MUSIRA

mbegabobazungubazabaratang ivyovyegeranyovy amanyanga badushakir iki ? kobazabarartyoz igihugucacu kandataribobaburemye bipfuzi ?mbegako imbonerakurezibaraj ishinga muzironderakw iki ?mbeg ivyakozwenabaryabagumutsi bomuraryama quartie yabereyemw imigumuko vyakozwen imbonerakure ? cankemwababajwenukomwabasomborokejebakinumira ? mbegakobaturiwe bakinumira bagatotezwabakinumira ?mwaciyemubonako ar ubujujubafise ? kiranoneho imbonerakurezararezwe kandizigender akarangamutimakumuhariwabo. kandirero nimwihanganekuk imbonerakureniz umugambwe kand umugambwenawo nuw abagumyabanga abagumyabanganabo nab imana imananayo ihagazekugihugucacu. nukorero abadashak imbonerakure nibishoremuritanganyikabose baherereyo.cankebafat imigozibimanike.kuk imbonerakure ziriho zizokwamaho kandizitegerezwakubaho. haduga hamanuka hanyerera zizobasongako abobanyabaribose. imbonerakure nimwirambire.

4.10.2016 à 09:08
nsaguye andré.

Abobantu Nibagwareneza Nimba Bashonje Nibabahibigori Barye Ibisigaye Nibatahe Bubakuburundi Bumezeneza

17.09.2016 à 08:28
Ndikumana Girbert

ivyobakora bibaz kobitazomenyekan umugambw urikubutegets wama unigira mumesh

15.09.2016 à 21:12
rekababone

IVYO.NIVYUVIKANA.KUKO.NUSHOBORA.KUVUGA.IVYO.NUGUSEVYA.UMUGAMBWE.CNDD FDD.AHUMBWO.NIBEMERE.BATWAGWE.NUWO.MUGAMBWE.BAREKE.KUWUSEVYA.

15.09.2016 à 16:36
HATEGEKIMANA.JAPHET.

IVYO.NIVYUVIKANA.KUKO.NUSHOBORA.KUVUGA.IVYO.NUGUSEVYA.UMUGAMBWE.CND FDD.AHUMBWO.NIBEMERE.BATWAGWE.NUWO.MUGAMBWE.BAREKE.KUWUSEVYA.

15.09.2016 à 16:36
HATEGEKIMANA.JAPHET.

ahubwo ayomashihamwe atanga ibinyoma nateshwe ate kuko twarabahinyuye mbega ibibera mu rwanda kobitavurw mwe ntimusambure ivyomutubatse kuko iman yobibishuz mwogira ingorane nimugebe inabi ?

6.09.2016 à 21:22
bosco rurangwa

yemwe nibatuze tuzobatwara ariko bareke irementanya,kuko imana iratubona.

30.08.2016 à 19:02
Gilbert

Mbega arivyomubazungu Kobarenzakomaso Rero nibobere hubwo ? Mbega Imbone Kumengobarashakako Zirengana Burya Abokora amarentanya Nkayo Leta yarikwiyekubafatira Yisunze amategeko Kugirantigire Nuwuzosubirakuvuga amateshwankayo Cane Cane Bagateranyanabobazungu Mbegabarazi Aho Imbonerakure Zankuye ? Iryonibara Mwobahanye Kugirabagire Icobatinya Murakoze

27.08.2016 à 20:22
NDAYIZEYE J.Bosco

biratangaje

24.08.2016 à 06:47
chanel

Umuntu akwiye kuzahora atwara Uburundi yari akwiye kuba abifitiye impamyabushobozi yaravyigiye ahandi ho mu myaka irimbere ibihugu bizagorwa vy,isi yose. Bagiye baraha gutwara ibihugu inyeshamba buri munsi.

23.08.2016 à 13:51
NATHALIE KANYANGE

boreka gufata abagor ba bandi

14.08.2016 à 12:17
deku

Nukurindasavye Izombonerakure Nizireke Gufata Kunguvu Abobagore

5.08.2016 à 22:22
YUSSUF

Ay Mashirahamw Nashir Ivy Vyegerany Ahabona Areke Kubikorer Mumpulo Gus No Kubivug Kumunw Gusa Kuk Kubivug Hoh Biroroh,mbe Ay Mashirahmw Nyen Ah Yakagiriy Amatohoz Yoy Bigezeh ?Numurek Uburundi Bub Ubwimana !

2.08.2016 à 22:09
Toyi

ahubwo ayo mashirahamwa nafutwe yoye kuguma yambika ibara umugambw wacu.

1er.08.2016 à 05:21
Célestin NSENG

Bababazwa Niterambere Uburundi Bugezemwo

30.07.2016 à 19:41
Dialo Ntembe

Ivyuburundi Vyo Baravyitaho Amabi Aberi Wabo Ateyishishi Ayo Mashirahamwe Niyikubite Agashi Akorane Na Reta Mukugiricashikirije

30.07.2016 à 08:18
Phiston Irakaza

NUKO BITANGURA MUZOBA MUBIBONA INYUMA

29.07.2016 à 15:26
NEYMAR

Mbe Nikuki Ayo Mashirahamwe Mpuzamakungu Ivyegeranyo Vyayo Usanga Kenshi Ari Ububeshi ?Naze Yishikira Kuri Terrain Yirabire Areke Gutangaza Ibinyoma.

29.07.2016 à 07:18
Audace
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.