IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imbonerakure zasabwe kwitandukanya n’ibikorwa vy’abajejwe umutekano

Imbonerakure zasabwe kwitandukanya n’ibikorwa vy’abajejwe umutekano

lundi 28 Mukakaro 2014

Mu gihe mu ntara zitandukanye z’igihugu hama havuzwe ko urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD zivanga mu bikorwa vy’abajejwe umutekano zigahohotera n’abanyagihugu, umukuru w’uwo mugambwe azisaba kwitandukanya n’ibikorwa vy’abajejwe umutekano.

Pascal Nyabenda umukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu akaba yabivugiye i Busoni mu ntara ya Kirundo, inyuma yaho haheze iminsi abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi n’abanyagihugu batari bake, bamenyeshereje ko urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD rubakubagura, kandi rukabatoteza rwose. Abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi n’abo nyene, bakaba bari bamaze kugaragaza amakenga yabo kuri ivyo urwaruka ruri mu mugambwe CNDD FDD rwagirizwa.

Pascal Nyabenda rero, akaba yasavye urwaruka ruhurikiye mu mugambwe arongoye ko rwobandanya rufasha nk’uko rwama mu gutsimbataza amahoro n’umutekano, mu kwereka abajejwe umutekano, ariko ntibivange mu bikorwa vy’abajejwe umutekano. Ivyo bikaba biri ukwo, mu gihe muri iri yinga twaraye turangije, zimwe mu mbonerakurte zo mu ntara ya Bubanza zafatanywe itonga ziriko ziriba. Ku mutumba Kagwema, komine Gihanga intara ya Bubanza, urwaruka indwi rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD rukaba arirwo rwafatanywe itonga ruriko ruriba kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke. Umwe muribo bivugwa ko ariwe yari afise inkoho yarashoboye gusiga abajejwe umutekano, abandi basigaye nabo bafashwe, bakaba baraciriwe urubanza rw’ugupfungwa umwaka wose.


Aristide Nizigire

Messages

  • Tsinda nkambere!! urabona ukuntu muberewe.ntakujuragirika,irararaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaINKONAAAAA.

  • Yeee yaaaa ntabara mudabire babanywanyi bama bavuga barihe ??????!!!!!!murabe neza beshi urabona ko arabo baduganye ntababanyagihugu bahari!!!!!!!!!!!!!! @wesha mama et giramahoro et gezaho isango 2015 muzosaga muri 00;6% ADC tsindaaaaaaa

  • NTA MITENDE NA PITA WANYU MURICA,MURIBA,MURAPFUNGA NTA TERAMBERE TUZIGA NTA KURI VYOOOSE NI IKINYOMA N IGITURIRE....

  • Ba musezerana umwanya nuyu!ntigahora mwitama!!!!

  • Ewe nwari,mukobwajana,manzi,mwebwe muzicwa nintuntu,agahinda kazobica ndabarahiye!!!,INKONA izobanoba ayo maso yanyu mwama mwaturumbuye,izoyahekenya!!,kumbura mureke kwama muyatwarira mukirere.muzicuza,mwiyahure,mwangare,musegerereze,mwicwe nagahinda,kuko twebwe abanyagihugu bino ruguru mugihugu hagati buca tubakura kunzira!!!97,9%CNDD-FDD,Bazumigwa basi.

  • Nibareke kwica baturira ivyabandi pitawe yingiringwe neza IMANA Irabona vyakora!!!

  • emwe jewe amagorwa aba dd bateye iki gihungu ntazopfa ahez.
    ARIKO MURI MAKE ABA DD MURI IGIHANO KU BURUNDI

  • Niyarare ariko izoteba ishinge ibinono hasi,hanyuma inobagure utuvyimba tw’utuzimu kubw’ugukunda inda izorya imbeba yishwe na sumu ya panya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.