Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imfura y’umuririmvyi Christophe Matata iriko itegura igiteramo co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Imfura y’umuririmvyi Christophe Matata iriko itegura igiteramo co (...)

Imfura y’umuririmvyi Christophe Matata iriko itegura igiteramo co kumwibuka

samedi 14 Ruhuhuma 2015

Inararibonye z’umuziki w’Uburundi n’Urwanda zizohurira mu giteramo co kwibuka umuhise Christophe Matata.

Mu ntumbero yo kwibuka umuhisi Christophe Matata yanditse izina ryiwe mu muziki w’Uburundi no mu karere, hategekanijwe igiteramo c’agakura kizohuriramwo abaririmvyi bo mu gihe ciwe.

Igiteramo kizobera mu gihugu c’Urwanda kizohuriramwo abaririmvyi b’Uburundi Ngabo Leonce na BUDI, bazohurira mu giteramo n’abaririmvyi bazwi cane mu muziki wo mu Rwanda no mu karere mu myaka y’i 1980. Abo ni nka Mwitenawe, Mavengenge, Makanyaga, Umurwi Impala, Augustin, na Mutsar. Igiteramo MATATA FOREVER kizoba ari kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma i Kigali ahitwa Car Wash.

Ico giteramo kizoba ku ncuro ya mbere kuko ibindi vyahora biba bidateguwe n’umuryango wiwe, ico rero kiriko gitegurwa n’umuhungu yasizwe n’umuririmvyi Christophe MATATA , nawe yitwa Armel MATATA aba mu Rwanda.

JPEG - 282.2 ko
Armel Matata

Tubibutseko Christophe MATATA yitavye Imana kw’igenekerezo rya 03 Nzero i Cap Town muri Afrika y’Epfo. Yari agiye muri ico gihugu kuremesha ibiteramo ari nako gufatwa n’indwara y’amahaha, yapfuye afise imyaka 50 y’amavuka asiga umugore n’abana babiri Armel na Clarisse. Yapfuye amaze gukora indirimbo zitari nke zakunzwe cane ziri mu nkurikirane nka:

-1987:Amaso akunda ntabona neza,

- 1988:Murantunga

- 1990:N’inyagasambu rirarema.

- 1997:Nyaranja

- 1999: 99% Zouk

2002:Geneve ville sans Ghetto

Raba uko igiteramo gifashwe mu mugongo

Umviriza rumwe mu ndirimbo za Christophe Matata zakunzwe cane "Amaso Akunda"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Kumbe Matata s’umurundi??

  • Mbese nukubwriki abaririmvyi bohamberengaho baririmba batangimpanuro bongerabaryoherabantu bitandukanye cane nabikigihe? Umuririmvyiwikigihe ugiraguti ukumvayayororeye 100% amajambo avurwa nabanye politike ngoyakoze indirimbo izohurirwako nabarundibose! Ntishoboka ziryazibarindirimbo zimigabwe kandininziza mugihe yavuzeko arururirimbo rwumugambwe runaka, ivyorero vyofasha uwomugambwe mugihecokwiyamamaza kuvuza izondirimbo zogurtyoza uyucanke uriya nkakarorero hariho indirimbo nzizacane zaririmbwe nabaririmvyi ziraryoheye cane aba CNDDFDD ariko ntibocabazitwara kuma radio ahuriweko nabanyagihugubose ngobazivugirizeko ariko kuma caseti nomumamodoka yabobarazivugirizako ntangorane badutserero bakazivugiriza kuma radio kwobarugusotorana. Murirusangirero abaririmvyi bahohambere urazokurikirana indirimbozabo uzisanga arizamahoro, ariko izubu uzosanga mengo nabantu barikumisozi bahanganye barikobaraterana amajambo barikobaratukana vyatsite! Haribinturero biharawe tutazi iyovyazanaye ugiraguti ukumva ururirimbo bararukuye mumajwi noneho bagatangurakuvuga baguguza kandibahutagiza nihucobonerako aribidasanzwe vyadutse kugezanahusanga ugiye mubaririmvyi binyuma yaza 80 ntamuririmvyi wumurundi yakoresha ayomajamwo ahorero murahavamuvuga ngonta democratie yaribo! Umvandababwire democratie uyikoresheje ukongera ukubahiriza yamabwirizwa y’Imana 10 usanva binezereje, ariko uvuze ngurimuri democratie yonye udafise aryamabwirizwa 10 Imana yahaye sokuruwacu Mose ntakibuza iyisi izokwamamwo umururumbo ukomeye kuko tuzobatwakomeje gukora ibidakwiyegukorwa.

  • sha nizere je nihenze kko niatoy indirimbo ya isanganiro awards2015 abantahuy nihenze nandika aho nari kwandikw ivyumuhisi wacu MATATA je ndamufata nkintwari kko barakoze wu,virijer kko ubu ntaho bihuriy gusa nabaririmba mu mudiho wa reggae bi burundi turabakej bari n amajambo aryoshe kko comme témois ntaw bavugira kndi uri umuririmyi w umugambwe je nogufata ko ari nka club yogutambira umuntu atari indirimbo zubaka kko usanga keshi zitakirw neza na bose ariko igikuru ni UWUHORAHO we RUTARE RUDATEMBA turitez iyo concert cane kko turafise abahisi mu burundi batazotuv mu mutwe ari mu muziki na politike gusa twishakira amahoroo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.