Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe itandatu itavuga rumwe n’ubutegetsi yandikiye Ban Ki (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe itandatu itavuga rumwe n’ubutegetsi yandikiye Ban Ki (...)

Imigambwe itandatu itavuga rumwe n’ubutegetsi yandikiye Ban Ki Moon

mercredi 10 Kigarama 2014

Abakinyi ba poritike babiri aribo Rwasa Agathon na Karori Nditije, bari kumwe n’imigambwe itandatu itavuga rumwe n’ubutegetsi bandikiye Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, basaba ko umurwi CENI ujejwe gutegura amatora wokurwaho, ugasubirizwa n’uwundi wigenga.

Muri iyo migambwe itandatu itavuga rumwe n’ubutegetsi yandikiye Ban Ki Moon, harimwo FRODEBU-NYAKURI, hamwe n’umugambwe PASIDE IMBONEZA, bakaba bari kumwe na babiri mu bakinyi ba poritike aribo Agathon RWASA na Karori NDITIJE. Bose hamwe basaba ko umurwi ujejwe gitegura amatora CENI wokwurwaho ugasubirizwa n’uwundi murwi ushobora gutegura amatora yigenga, kuko uwo murwi uhari ubu bawagiriza ko wamaze kwerekana ko uhengamiye.

Urwo rwandiko rwarungikiwe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rugaruka ku busuma bw’amatora bavuga ko bwamaze gutangura gutegurwa, aho bagatanga akarorero k’utunenge twibonekeza mw’itangwa ry’amakarata karangamuntu, hakavugwa amakarata karangamuntu afatwa ariko atangwa muri magendu, mu kinyegero, ayandi agafatwa yahawe abadakwije imyaka canke abanyamahanga, hakavugwa n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi bafatanwa indangamuntu zirenga imwe.

Iyo migambwe itandatu itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abakinyi babiri ba poritike basaba ko umurwi CENI wosubirizwa n’abandi ataho bahengamiye, igikorwa naco c’ukwiyandikisha kigahagarikwa kugira amakosa yibonekeza abanze akosorwe. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo ryasabwe gukurikiranira hafi ikibazo c’amatora mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • iyo CNI igomba kuzana Iryane MU BURUNDI dusaba ababishoboye ko boyihagarika kare umugambi wabo mubi wokuryanisha abarundi batarawushikako.ere ga ndayicariye ntaco acera .ntajambo kumukunzi w’inda .

  • Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe,none ntimusanzwe muzi ko iyo CEN isanzwe ikorera abari kungaji.Mwandikira Ban ko Moon mureka ntanakimwe muhindura hatabaye kwihana kwabo bategetsi Banyu kuko amaraso bateguye kumena bategerezwa kuyamena .

  • Hahahhahaha nimba vyabananiye kwitaba amatora ni mureke ababishoboyr bayitabe. Ni mwemere mutsindwe canke mutsinde nk’abagabo

  • Amenyo aguseka arayawe? Ahorero muriko murarwa kubiti namacumu kugira muhinyuze ijambo umukuru wigihugu yavuzeko abatora azogendaneza, murakomeje ibikorwa vyogutoba amatora?! Ndababwizukuri kubera natwe abarundi dusanuko tumaze imyaka irenze 4 tugabirije kubera mwakomeje kudutera amakenga turagabirije akataretse kabagesema mwoshaka mwova ibuzimu mukajibuntu.

  • Abatavugarumwe n’ubutegetsi,mbega ninde yabaroze? Umuti w’aba dd warabafashe ibibi mubikorerwa mwese ariko ntimubivugira hamwe ngo bigire uburemere

  • ewe ntukamazina imyaka wamaze utarubaka urwawe yagutwaye ubwenge

  • nibabikore ariko bibuke ukuntu umwami Farawo vyamugendeye.CENI nayo yarikwiye kwikubita agashi ikibuka umwimbu w’indyane igira ibibe mu gihugu.ubu natw twaramenye icatsi n’ururo.

  • Ndakuyeyo amaso Agathon ubuhangange twaritumuziko nyuma 2010 guhera 2010 aboyita abagenzi barabuhondahonze nguwo asigaye ameze nkikivugu ntakimenya uwobofatanya uruganba nowobadakwiye gufatanya urugamba! Abarunditwihangane umwakawanyuma wogukuvurwacane kwa Agathon nuwa 2015 hanyuma tuzosigara tumutangaho akarorero tubwirabandi tuti woshaka mwokwitonda ngokuko ntimusumvya ubuhangange uwitwa Agathon mugihecaheze!

  • Rwasa kuva aho twamuburije kwoyunga n’abo ntiyumva ikibazo afise muri we! Ni yigenge akore ukwiwe umwe wese n’umuzigo wiw

  • Mbe mwomenya dyakete bandika muri 2010 babonye igisubizo ikihe ? Mwibuke ko banditse bavuga Ko muburundi hamwe amatora yobandanya ko ivyabaye muri kenya muri 2007 ko bizoca biba iburundi bujumbura ikaba nka Nairobi amatora yarabandanije Ngiyo imyaka 5 uraheze nibagire tuzoraba ico bazoshikako

  • Ingwana y’amabombe yaraheze ubu ingwana y’amajambo nta murundi yotesha umurongo!

  • Rekaguterubwoba Abarundi Hari MANA Niyizivyose.

  • turasavye MUTAMA ABOGOZE NINGOGA Edouard NDUWIMANA NINGOGA YAje gusambura umugambe wacu CNDD FDD RABA KUBERA AMAKOSA AGUMA AKORA ABANYWANI BAHEZE BAJA AHANDI NAKARE NI UMUGAMBI We opposition WOGUSAMBURA CNDD FDD kandi barabihejeje baciye kuri nduwimana na bandi ba CNDD FDD Batabona kure ubu ndabona ko vyaheze twatsizwe.

  • Abantu nimureke kwihaya inguvu no guterana ubwoba kuko twese igihugu turagisangiye. Ntawukwiye kwishima ku wundi mwihaya inguvu nk’uko umenga hariho uwukwiye gupfa ngo n’uko atavuga rumwe n’umugambwe utegeka uyu musi. Ivyabaye mu 2010 ntawuzi bizosubira abarundi bakaguma bihanganye.Twese turabona ko ubutegetsi bufise ubwoba bwinshi bibaza ko butazosubira gutsinda amatora.Nashaka ndabaremeshe erega n’aho botsindwa ijuru ntirizoca ribakorokerako , ubuzima buzobandanya nibareke guta igihugu mu manga mu gutegura nabi amatora. Ivyo tubona birateye agahinda aho igihugu cose kija mu ruhagarara rwa karanga muntu zitangwa mu kajagari ukamengo nta Reta iriho. Mbe boba bibaza umugayo bitera igihugu igihe abarezi , abatware n’abanyagihugu bamwe bamwe batagiterwa isoni no kwiba ikintu gihanzwe amaso n’isi yose? Harageze ko abarundi twikubita agashi tukagarukira urupfasoni na cane cane iyo witwa ko uri umwubahwa ahandi ho tuzosanga mu misi iza dusigaye dutwarwa n’abantu twogereranya na ba rusenyanzugi kuko umuco w’ubuntu usa n’uwuriko urazimanganywa na kare umwera uva i bukuru ugakwira hose muca mwumva ko iyo umwera w’i bukuru atawuriho igihugu kiba kiri mu gitutu c’urupfu. Abarundi subiza inkota mu rwubati abategetsi birinde ko amaraso y’abarundi asubira guseseka ahumanya igihugu na kazoza kaco.

  • Njyewe ndi umunyarwanda muzandye akara Ban Ki Moon niyasubiza neza natwe tuzamwiyambaze, kuko komisiyo y’amatora yaraturembeje cyane.

  • je m’y attandais ntayindi ntumbero nimwe ituma abo ba nye politique gutera igere ryanyuma ngo Guhindura CENI kandi yagiyeho yumvikanywe nabanyepolitique bose,nukwo ari faiblesse politique bibananiye,ntakindi baca bajamwo kiretse guta akarimi nukuvugako ibintu biriko biracika,ariko ubu Abanyagihugu baramaze gucagura icatsi nururo ntawukibahenda,kandi ntanuwushoboye guhindura ikiri mumitima yabo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.