Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe munani irashimira inyifato y’igiporisi mu ntureka zabaye kuwa 8 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe munani irashimira inyifato y’igiporisi mu ntureka zabaye kuwa 8 (...)

Imigambwe munani irashimira inyifato y’igiporisi mu ntureka zabaye kuwa 8 Ntwarante

dimanche 16 Ntwarante 2014

Imigambwe munani irashima uko igiporisi cifashe kuwa 8 ntwarante igihe hibonekeza intureka hagati y’igiporisi n’abanywanyi b’imigambwe MSD hamwe n’abakenyezi bahurikiye mu mugambwe UPRONA. Iyo migambwe iratera ivyatsi inyifato y’abo banywanyi biyo migambwe kuko ku bwabo baragumutse.

Imigambwe PIEBU,PSP,MSP Inkinzo, FROLINA ,KAZE FDD PMP na RPB yatunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kugira berekane aho bagaze ku bimaze iminsi biba mu gihugu c’Uburundi. Iyo migambwe yahagaze ahanini ku vyabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, mu mishamirino yabaye hagati y’igiporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD, hamwe nabakenyezi bahurikiye mu mugambwe UPRONA muri UFB (Union des Femmes Burundaises).

Iyo migambwe uko ari munani iratera ivyatsi inyifato yaranze iyo migambwe uko ari ibiri. Kubwabo bakabigereranya n’aya migumuko yibonekeje mu bihugu vy’abarabu
Iyo migambwe uko ari munani yaciye igirako ishimira igiporisi kuko co cavyifashemwo neza ku ngingo yaraye ifashwe yo guhagarika umugambwe MSD mu kiringo c’amezi 4. Ku bwabo umushikiranganji yaciye inkoni ngufi kuyo bategerezwa kuronka.

Ku vyerekeye naho ibiherutswe gushikirizwa n’umukuru wa Reta Zunzubumwe z’Amerika uwishuye kw’izina ry’abagenzi be muri ico kiganiro ku bamenyeshamakuru, amenyesha ko ari uburenganzira bw’uwo mutegetsi kugira ico ashikirije. Ariko akamenyesha ko igihugu c’Uburundi cikukiye kandi gifise amategeko akigenga nk’ibwirizwa shingiro n’ayandi,mu gihe bikenewe ko umukuru w’igihugu afata ingingo ntarinda guhagarara kubiba vyashikirijwe n’uwo mukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika ahubwo ahagarara ku mategeko akabaza ico avuga.

Tubamenyeshe rero ko iyo migambwe ari PIEBU,PSP,MSP Inkinzo, FROLINA ,KAZE FDD PMP na RPB.


KARIRE Floxella

Messages

  • ewe jewe inzara ni mbi, ivyo vyose mubivugishwa na kigoyi, muriko musega aba dd, mais je vous dis muzohaga ivu. Agasanga mwarashimye ingene aba polisi barashe abantu. Vous n’avez pas honte

  • iyo migambwe iraba muburundi?jewe nihonkiyumva nimishasha yavutse?canke nivyaduka?yeeeee!!?.tuzopfatwumvise none iyo mumatora aheruka yarimwo?ndatangaye nambibaho uwoyishikira yoyimbariza imigabo nimigambi yayo kk jewe muntarambamwo ntiharangwa

  • Iyomigambwe ihenda leta ngifise abayishigikiye naho ari amazina gusa bafise batagira nabanwanyi 100 buri komine , aba CNDD nabo aho batagiriyenubwo kurahura bamwe muribo amavya bagishira hejuru ngobarashigikiwe. None iyo migambwe itaboneka mubanyagihugu ikorera mu biro kwa NDUWIMANA izomariki ?

  • Ikimbabaje ni PMP na PRP imigambwe yitwa ko yiyitirira twebwe Abaganwa ivuga ibintu nk’ibi!
    Nukuri culture yarahindutse nta Muganwa yogiye mumanye-mbwa nkaya !
    Abaganwa ntibakwiye kwavura hasi canke ngo banuranure musi y’ameza ayariyo yose, na cane cane y’umugamwbwe wica ugatoteza abapfasoni n’urwaruka !
    Abaganwa ntibakwiye kuja muri politique y’inda botegerejwe kuharananira kazoza k’igihugu !

    Abakuru ba PMP na PRP murateje isoni Abaganwa. Nimba ntabatutse nuko narezwe.
    Mumenye gusa ko Mwezi atari gutera Maconco amuziza mwebwe. Bisigura ko "iyo Maconco yari yamwivye mutayigera kumurizo" !!!

    Nizere ko Nduwimana Edouard yobafuta akazimanganya naho izina ry’ubugambwe-gambwe bwanyu buherereye !

  • Abasezi bariko barigaragaza. Iyo migambwe itagira n’umunywanyi n’umwe aho iriko ivuga iki? Bariko basega ibibanza!!! Muzobikura he ko naba DD badakwiwe!!! Reka guta ubwoko mugoka. Uheza kugoka ibigori bikera!!! Ba mubanza gutohoza imbere yo kwaduka muvuga ivyo mutazi!!! Ku bakenyezi ba UFB n’aba membres ba MSD igiporisi nico kiri mu makosa. Murabwira leta ishireho umugwi wigenga murabe ko ikunda. Hose barazi ko igiporisi c’Uburundi ari nulle, composee de sauvages assoiffés de sang. Kusesa amaraso kuri bo ni ikintu gito. None nga murashima igikorwa bakoze!!! Honte àvous!!!Muteye isoni!!!Heureusement ko atawe muserukira!!!!

  • Abantu bita utwo tudumbidumbi umunani ngo n’ imigambwe bari mu batuma igihugu cacu kidatera imbera ndetse kitazotera imbere vuba. Ni ukuri turazi imigambwe iri mu Burundi iy ’ari yo. Abo bayiserukiye ni ba nsumirinda bariko barondera utwo bashira mu nda. Reka tubarindire 2015 iri hafi tuzobona abanywanyi babo aho bari. Mbega none ko batashizemwo FNL ya Bigirimana? Abarundi tuzobona menshi!Ba bandi ngo wait and see!!!!

  • Hahahahaa inzara nimbi sonze mwigumye aho ntibamaramara nkukuvuga ibintu nkivyo mbega hoho konari nuvise ngo utwo tugambwe nduwashatani ngo yaratuvuse turiko turamwikundanishakako??

  • iyaba narimfis ububasha,uwarakuriy aba polisi kururya munsi,aba ari mugasho.yariko yiterera inkuru nabagenzi w,yegamiy urukuta,chilling avuga ngo<<Iyo ni grenade...>>.yagomoy ingabo ziwe ngo zikore I yo zishakiy.Biranumvikana mumasanamu yafashwe,aho umwe murabo bapolisi avuga ngo<<nibahagarik kurasa>>,biruka hirya nohino...
    Icantangaj bariko baritegura gukoresha vyabisasu bikoroza amosozi,umu polisi yabajij mugenzi w ngo<<Urazi kugikoresha?>>
    Nukuvuga k atavyo yarazi.
    Hama ninde yigisha igi polisi?
    Ivyo abigisha yavyiz h?
    Ninde yamuhay ico gikorwa cogu forma ico gipolisi?
    Ma conclusion nuko:
    Igipolisi ciburundi kiri nulle et non avenue.
    Abakuriy ico gipolisi bari nuls.,ntihagir nuwibaza k harico kizomufasha.
    Hama akazi sigipolisi gusa,nukuroba numwuga,kurima numwuga,kwigisha numwuga....Nukuraba umuntu agakora ivyashoboy.
    Ninde yigeze abona umupolisi wumurundi arekereza<<Igiseru>> mubantu...
    Ninde yigeze abona aho umupolisi wuburundi yakwa Inkoho(umuheto) yahawe nigihugu,akayakwa nabanyagihugu.....Akamaramaza

    Uzi igituma bazibaka,nuko babona k badakwiriy gutwara umuheto wigihugu kandi kanatsinda,ivyo niboneye muri video,Ntavyo bashoboy.

  • Bandanya basha mwimenyere ngo igi police ngo ntikizi gutwara umuheto.murabandanya mubaka inkoho,mwitwaje uyo mugumutsi sinduhije.uwubizi mwobibaza ko batazi gutwara umuheto ,murabaza umunyamabanga wa MSD,Yababutse kuntoke,nagahungu karaho nabonye karashwe mumatako.mwebwe mwese mwanditse kururu rubuga nobacira umugani,ko INGUMBA ITAZI IKIBI IRIGATA ISHENYO.nimwimenyere basha harigihe muzicuza.

  • jew hari ikintu kintangaza.ndakwije imyaka yo gotora kuva 2005 hari imigambwe nza numva ubu ntari bwigere n’unva iyo migambwe uko ari munani ntibaho.yoba imaze kuronka n’amajwi 10 uteranije 20005 na 2010 basha muratwereka amafoto yabo bagirisha ikiganiro tubabone.

  • Hariho ingendo abarundi dukwiriye kuvavanura nayo. Si vyiza guhagarara kubwoko, intara n’inyungu zacu mu guca urubanza. Burya abavuze mwese, muremeza ko igipolisi cifashe nabi ku wa 8 ntwarante? Iyo cifata nabi ntibiba ari ibi. Ahubwo uwoshaka yobakeza.

    Umugambi wo kugumuka ngo abahoze kubutegetsi babusubireko, ni ingeso mbi cane kuko Uburundi buguma ari ubw’abarundi. Ntaho dushirana. Gukoresha societe civile n’abamenyesha makuru, ni uguhemukira umwuga. Ubu communaute internationale vyoyigora kugira ico ivuze kuko yisunze ukuri kw’imenyesha makuru na societe civile, ipfa kuvuga nk’uko vyaraye bigendeye Amerika, igaca isanga yavuze ibitari vyo. Ivyo rero birafasha kuko umuntu arabesha kera, agahava agahinyuka.

    Umuntu yiyubaha yomenya ko abahutu, abatutsi n’abatwa ari ubwoko Imana yashize mu bihugu vyacu, kandi ko dutegerezwa kwubahana tukabana. Uwibaza ko azi ubwenge kurusha abandi canke ko yomara abandi akahaba wenyene, aribesha. Imana irashobora kumurandura.

    Impanuro ya kivandimwe: Uburundi ni twabwonona, nitwe tuzogorwa. Nitwabufata neza, ni kuneza yacu. Dufatane munda rero. Burya uwumvirije kabizi ya Serges na Sinduhije, akaraba ivyo Sinduhije akora, ntabwo yobona ko umugambi wa M23 ari M18 uno munsi ukibandanya? Mbega Ubuganda muri Sud Soudan bwagiye kugarukana amahoro canke kwagura empire Hima? Mbega ko ivyayo vytanguye muri 1960, ntigahera? Abanyarwanda n’abaganda ko atakwo batari bagize mu gusambura ikirobeli ca 1993 mu Burundi, ubu niho bibaza ko boza gusambura igisoda gihuriyemwo n’abarundi bose ku neza ya empire Hima? Inguvu zimaze iminsi zikoreshwa uwozoshira mu kwubaka twoshika kure bene wacu.

    Harageze ko abarundi tureka politiki y’inda n’inzara psychologique, amoko tukayakoresha mu kwubaka, ibisigaye, tugategura kazoza k’abana bacu. Itunga dufise rikwiriye kuba iryo guhesha Imana icubahiro ariko ntiribe iryo kuburagiza abatwara nk’uko vyavuzwe muri articles za creation ya empire Hima. Ico umuntu arima nico yimbura, ariko uwuhitamwo, yohitamwo ineza.

    Murakoze gusoma aya majambo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.