IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Imirwi ndangakaranga irafasha mu kurwanya ubuhumbu mu rwaruka

Imirwi ndangakaranga irafasha mu kurwanya ubuhumbu mu rwaruka

mardi 16 Mukakaro 2013

Mu gihe c’uburuhuko, abavyeyi bararungika abana babo mu mirwi imwe imwe y’abatamvyi b’indirimbo z’ikirundi, mu ntumbero yo gufasha abana kumenya imico y’abarundi. Muri ubu buruhuko bw’igice ca gatatu, ari nabwo busanzwe ari bunini, abana b’abigeme eka ndetse n’abahungu bose baja muri iyo mirwi ku mugoroba mu ntumbero yo kwiga gutamba indirimbo zirimwo akaranga k’abarundi.

Nk’uko rero bivurwa na bamwe mu barongoye iyo mirwi, rumwe mu rwaruka rwo mu Burundi rurakunda cane intambo z’ikirundi, ariko ugasanga ntibazi aho bobasanga iyo bashatse kwinjira muri imwe mu mirwi ndangakaranga. Akarorero, mu murwi bita « Akayazwe» barakira urwo rwaruka rwipfuza kuja muri uyo murwi, ariko rero bivana n’imyaka. Bakira kuva ku myaka itanu kuduga, kandi ibikorwa vyo kwiyandikisha bigaheza bikabera ku kigo ngangakaranga bita Musee Vivant y’i Bujumbura, nk’uko bimenyeshwa na Benigne Icizere akurikirana abigeme muri uyo murwi.

Muri iki gihe rero urwaruka rwo mu Burundi ruritayeho cane kuja mu mashirahamwe mwe ayo y’imirwi ndanga karanga, kandi urabona ko babikunda cane, kuko usanga uwuje wese agerageza kuzana na mugenzi we mu minsi ikurikira, ivyo bigaha icizere abasanzwe bari muri iyo mirwi ndetse n’abakurikiranira hagufi ivy’akaranga k’Uburundi, ko mu minsi mike akaranga k’igihugu kazoteba kagasubira kuja hejuru uburanga bw’ibihugu vyo hanze busa nuburiko burarenga ubwo mu gihugu.

Ikindi kandi, ni ukwo abavyeyi nabo bashigikira abana babo, ivyo bikagaragarira iyo hari ibikorwa vyo gusozera. Abavyeyi baravyitaba cane, bakaza gushigikira abana babo, mu bikorwa baba bamazemwo amezi abiri yose. Umunezero usanga ari wose, kandi mu gihe gikurikira bituma n’abandi bana baca bavyitabira mu nyuma. Abana b’abarundi rero basabwa kuza baritaba iyo mirwi yigisha akaranga, ivyo bikazotuma bamenya vyinshi mu bijanye n’imico, co kimwe n’akahise k’igihugu. Abavyeyi nabo bohimiriza abana babo kuko, mu mirwi ndangakaranga bahakura indero runtu, n’urupfasoni rwamye ruranga abarundi, eka kandi bakahakura n’urukundo…


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.