Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Intambo z’abakobwa n’abahungu bari mw’isanamu y’ururirimbo "Doda" (...)
Intambo z’abakobwa n’abahungu bari mw’isanamu y’ururirimbo "Doda" zirayobeye
lundi 16 Ruhuhuma 2015
Umuririmvyi Mr Champagne yasohoye isanamu y’ururirimbo "Doda", habonekamwo abakobwa batamenyerewe nk’abaririmvyi ariko bakunze kuboneka cane mu masanamu batamba canke bakora ibindi vyo kuyaryosha.

Isanamu yasohotse irimwo intambo zitangaje aho n’indirimbo ubwayo ata butumwa butomoye burimwo kiretse kwitambira kw’abahungu n’abakobwa bari muriyo. Ururirimbo rwakozwe na Mr Champagne yiyita Fally Ipupa w’i Burunda n’uwitwa G Bo, rwitwa "Doda". Igice kinini carwo, baririmba"Doda" gusa. Divine atazwi nk’umuririmvyi ariko azwi cane mu masanamu menshi ariko atamba cane cane atambisha ibisusu, aboneka mu ruririmbo "Doda". Aba n’abandi baribaza ko Divine avukana n’umuririmvyikazi Natacha yoba ari umuririmvyikazi nawe canke ko yoba afise ingabirano yo kuririmba ariko akaba atari bwayiyumvemwo.
Isanamu rero ibonekamwo intambo zishusha n’izitambwa n’abaririmvyi bo muri Congo, nk’ako Mr Champagne akunze kwereka cane mu ndirimbo ziwe ishusho y’imidiho n’intambo vyo muri Congo.
Raba aha munsi intambo iri mu ruririmbo "Doda"
Cherif Nkeshimana