Accueil > Amakuru > Amashuri > Intara ya Ruyigi irafise ingorane z’abigisha
Intara ya Ruyigi irafise ingorane z’abigisha
dimanche 17 Munyonyo 2013
Igisata c’indero mu ntara ya Ruyigi kirafise ingorane kuva umugambi w’ishure nshingiro ugiye mu ngiro, mu gihe abigisha bamwe bo mu mashure y’isumbuye baciye baja kwigisha muri uyo mugambi mushasha wa Reta.
Guillaume Kwizera umuyobozi w’amashure mu ntara ya Ruyigi, avuga ko iyo ntara ifise ikibazo c’abigisha bake. Ariko rero naho biri ukwo, amenyesha ko ubushikiranganji bw’indero buherutse kubemerera ko boshobora gutanga akazi ku bigisha 70 mu mashure yisumbuye ari muri iyo ntara, mu gihe nabo bakeneye abigisha bagera ku 270.
Mu mashure y’intango naho nyene ingorane y’abigisha iriho, umuyobozi w’indero muri iyo ntara akaba abandanya avuga ko ubushikiranganji bwabasavye kwandika abigisha babura mu mashure y’intango, kugira barabe ukwo ingorane y’ibura ry’abigisha yotorerwa umuti mu minsi ya vuba.
Ejo ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 18 Munyonyo uyu mwaka, hakaba hategekanijwe inama izohuza umuyobozi w’indero muri iyo ntara ya Ruyigi, ari kumwe n’abayobozi b’amashure muri iyo ntara. Ikibazo nyamukuru bashobora kuzovugana kikazoba ari aho ibikorwa biteye vy’igice ca mbere c’umwaka w’ishure 2013 ushira uw’2014, hamwe n’ingorane z’ibura ry’abigisha, na cane cane igitigiri ishure ryose ryoba ribura, kugira amashure yose aze ashobore kuronka kuri ico gitigiri c’abigisha 70 ubushikiranganji bwemereye iyo ntara.
Aristide Nizigire
Messages
1er Kigarama 2013, 07:43, par Emmanuel
Jewe ico mbona nabo bigisha 70 ni bake cane.Ico nosaba imvukira n’abakunzi b’intara ya ruyigi twojahamwe dukagira agasandugu(caisse) dukongereza abigisha.Hari abahoze bigisha ubu bakora ubundi buzi,hari abo tuzi baciye ubwenge bofasha(hari abapadiri,abasoda,adafise akazi bahejeje akaminuza...)tubahaye akarusho ico kibazo cohera.Maze umwe wese agafasha ahamwegereye.Mushimwe iki ciyumviro "" DUTUMEKO DUFASHE INTARA YACU NAKARE NIYO YATWIGISHIJE"".KABURA EMMANNUEL