Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intara ya Ruyigi irafise ingorane z’abigisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Intara ya Ruyigi irafise ingorane z’abigisha

Intara ya Ruyigi irafise ingorane z’abigisha

dimanche 17 Munyonyo 2013

Igisata c’indero mu ntara ya Ruyigi kirafise ingorane kuva umugambi w’ishure nshingiro ugiye mu ngiro, mu gihe abigisha bamwe bo mu mashure y’isumbuye baciye baja kwigisha muri uyo mugambi mushasha wa Reta.

Guillaume Kwizera umuyobozi w’amashure mu ntara ya Ruyigi, avuga ko iyo ntara ifise ikibazo c’abigisha bake. Ariko rero naho biri ukwo, amenyesha ko ubushikiranganji bw’indero buherutse kubemerera ko boshobora gutanga akazi ku bigisha 70 mu mashure yisumbuye ari muri iyo ntara, mu gihe nabo bakeneye abigisha bagera ku 270.

Mu mashure y’intango naho nyene ingorane y’abigisha iriho, umuyobozi w’indero muri iyo ntara akaba abandanya avuga ko ubushikiranganji bwabasavye kwandika abigisha babura mu mashure y’intango, kugira barabe ukwo ingorane y’ibura ry’abigisha yotorerwa umuti mu minsi ya vuba.

Ejo ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 18 Munyonyo uyu mwaka, hakaba hategekanijwe inama izohuza umuyobozi w’indero muri iyo ntara ya Ruyigi, ari kumwe n’abayobozi b’amashure muri iyo ntara. Ikibazo nyamukuru bashobora kuzovugana kikazoba ari aho ibikorwa biteye vy’igice ca mbere c’umwaka w’ishure 2013 ushira uw’2014, hamwe n’ingorane z’ibura ry’abigisha, na cane cane igitigiri ishure ryose ryoba ribura, kugira amashure yose aze ashobore kuronka kuri ico gitigiri c’abigisha 70 ubushikiranganji bwemereye iyo ntara.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe ico mbona nabo bigisha 70 ni bake cane.Ico nosaba imvukira n’abakunzi b’intara ya ruyigi twojahamwe dukagira agasandugu(caisse) dukongereza abigisha.Hari abahoze bigisha ubu bakora ubundi buzi,hari abo tuzi baciye ubwenge bofasha(hari abapadiri,abasoda,adafise akazi bahejeje akaminuza...)tubahaye akarusho ico kibazo cohera.Maze umwe wese agafasha ahamwegereye.Mushimwe iki ciyumviro "" DUTUMEKO DUFASHE INTARA YACU NAKARE NIYO YATWIGISHIJE"".KABURA EMMANNUEL

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.