Intumwa za Reta y’Uburundi mu biganiro ziriyamiriza ubutumire bwahawe CNARED

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 28 Kigarama 2015 saa 05:14
Yasomwe : 71190
0 0

Intumwa za Reta y’Uburundi mu biganiro vyi Entebbe mu gihugu c’Ubuganda zimenyesha ko zitashimishijwe n’uko ishirahamwe ritazwi n’amategeko y’Uburundi ryatumiwe mu biganiro bihuza abarundi.
Mw’itangazo ryateweko umukono kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 inyuma y’ibiganiro intumwa za Reta y’Uburundi zimenyesha ko Reta yiteguye Reta yiteguye gukora ibishoboka vyose kugira habe ibiganiro vyitabwe na bose kandi vyubahirije ubwigenge bw’abarundi n’Uburundi.
Muri iryo tangazo, intuma (...)

Intumwa za Reta y’Uburundi mu biganiro vyi Entebbe mu gihugu c’Ubuganda zimenyesha ko zitashimishijwe n’uko ishirahamwe ritazwi n’amategeko y’Uburundi ryatumiwe mu biganiro bihuza abarundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 inyuma y’ibiganiro intumwa za Reta y’Uburundi zimenyesha ko Reta yiteguye Reta yiteguye gukora ibishoboka vyose kugira habe ibiganiro vyitabwe na bose kandi vyubahirije ubwigenge bw’abarundi n’Uburundi.

Muri iryo tangazo, intuma za Reta y’Uburundi zimenyesha ko zitemera abafashe ijambo mu biganiro ku ruhande rw’abakenyezi n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike akorera mu Burundi.

Intumwa za Reta y’Uburundi zimenyesha ko itariki yo kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016 yashikirijwe ko ibiganiro bizobandanirizako mu gisagara ca Arusha,batayumvikanyeko.

Mu kurangiza,intumwa za Reta y’Uburundi zirashimira Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’Ubuganda ku gikorwa co kugarukana amahoro mu Burundi no mu karere.


Kumenyekanisha

1
BONA 6-01-2016 à 14:56

KUMWE CENI YARUMUKINYI NUMUHAGARIKIZI W’URUKINO NO MUBIGANIRO NIVYO MUSHAKA!!!! BARABAHINYUYE BASHA MUSIGAJE GUHINYUKA GUSA!! IYOBUMENYUMWE BWARIKINDI!!!!

2
Rose Hakizimana 31-12-2015 à 00:02

Mbaye nk Umukuru w Igihugu ca Ugandi ati Muririmba Ubwigenge Haraho mwari bwabone Ubwigenge mu Gihugu kumusi ku musi hatogwa ibiziga mu mabarabara
Haraho mwari bwabone aho Abatware aribo bagwana n Abanyagihugu
Mwari bwabone Umutware agira Imyiyerekano yo kunezerwa IMPFUVYI n ABAPFAKAZI bariko bararira
Mwari bwabone Umutware aho guhumuriza abo atwara abater ubwoba ngo ni
MWOMOKE CANKE MWIYAHURE n ukuri Uburundi buracakeneye Abatware b Intungane Nayo kuvuga ngo ntibakeneye kwicarana nabandi sinibaza ko bokwirengagiza iryo teka bazoba batewe mu kwicarana na CNARED

3
INTAGOHEKA 29-12-2015 à 11:55

NIMUKOMERE ABENEGIHUGU TURINYUMA YANYU ABATUNV UMUGAMBI WAMAHORO NUKUBAGORORA BAKAJA KUMURONGO NAKARE INTUNVA ZAMAHO KANDI BARAYAMAZE NGUWUTOSORIFUKU YAMIZ AKO

4
CONGERA INNOCENT 29-12-2015 à 11:50

NTA LETA YINDI DUKENEY KUKO AMATORA YARABAYE CNARED NABO BIRABARABA KUKO NTA MURUNDI YABONYE INTAMBARA YOBAKURIKIRA BARAGAHONA

5
Fiace 29-12-2015 à 07:44

RETA NIYEMERE KUKO AHO BABARA NIHO BAMENA.MBE ISHAKA KUGANIRA NIMBONERA KURE?RINDIRE GATO IRYO MWAVUZE RIZOBAGARUKAKO MUZOHERA MWESE NKIFU.....

6
Intasinzira 29-12-2015 à 05:24

Ntimwemerere iryo shiramaboko imugongo abarundi bamwe bamwe babagumutsi(kuko amashirahamwe turayazi iryo nishiramaboko)kuko bashirimbere ivyobihemu vy’abasoda batwawe ninda ntibaze batugarukemwo bankire tuzobamarire mugahinga kamwe kamwe.barongoye leta ntimuhugumbwe birya bitama nibijuju mubanze mwihweze kahise kabo utekano wanyu tuzowitangira nkabavuka gihugu leta nihangame.

7
KAMENYI 29-12-2015 à 04:59

None gayemwe tugiye kuba abande?uwitwariwe niwe aca urubanza akicagurira nuwo baburana akiha nisango ryurubanza.uuzoramba azonona pe.

8
B.E 29-12-2015 à 04:35

NTAWUKORAKO

9
Hitimana François 28-12-2015 à 22:26

Muratweza pe! None mwashaka muganire nande mutaganiriy na CNARD?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha