IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Isare:Inkino zirafasha abanyagihugu kubana neza

Isare:Inkino zirafasha abanyagihugu kubana neza

jeudi 20 Kigarama 2012

Kuri uno wa 15 kigarama 2012, Komine Isare imwe muzigize intara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura rural yaratunganije ihuriro aho bari bateguye ihiganwa mu inkino n’utugenegene mu ntumbero yo guteza imbere imibano biciye mu nkino n’utugenegene. Abarushije abandi bakaba barahawe udushimwe.

Kuri uno wa 15 kigarama 2012 wari umunsi udasanzwe ku mvukira za komine Isare. Ku ncuro ya mbere igihugu kivuye mu ntambara camazemwo imyaka itari mike,komine Isare imwe mu makomine yasinzikajwe n’iyo ntambara yaratunganije ihiganwa mu nkino n’utugenegene aho ama zone yose agize iyo komine uko ari ane yari yitavye ayo mahiganwa.

Uwo munsi wihuriro wari wateguwe na komine Isare ifashijwe n’ishirahamwe ry’abadagi ritegamiye Reta GIZ, iryo shirahamwe rikaba ryaboneyeho akaryo ko gushikiriza komine ingabire y’ibikoresho vyo mu nzu y’amanama, ibikoresho birimwo intebe 240 n’ama meza vyose bifise ikiguzi c’amafaranga angana umuliyoni w’amafaranga y’amarundi.

Mw’ijambo ryiwe rijanye n’uwo munsi, musitanteri wa komine Isare Pontien Barutwanayo yamenyesheje ko uwo munsi watunganijwe mu ntumbero zibiri.Iya mbere ko ari iyo guhuza abanyagihugu biciye mu nkino ,iyindi ikaba iyo guha akaryo urwaruka ko kwerekana ivyo rushoboye n’ingabire bafise mu bijanye n’inkino n’utugenegene eka mbere ko bashobora no guserukira igihugu mu makungu.

Inkino rero zitari nke zikaba zari zateguwe harimwo ukwiruka ku birometero 18 ku bagabo n’ibirometero 9 ku bigeme,urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje abanyeshuri n’umurwi wari ugizwe n’abahoze ku rugamba n’abakozi ba Reta, urukino rw’amaboko volley ball rwahuje abasirikare bo mw’ikambi y’123 n’abanyagihugu eka mbere no gusiganwa ku makinga aho bagize ibirometero 24. Mu bijanye n’utugenegene, bahiganwa biruka bafise amacupa ku mutwe, abandi bashize amaguru mu mifuko.

Ubushimwe butari buke bukaba bwaratanzwe ku barushije abandi harimwo ibitenge, amakinga, ibikombe, amasuka, imipira yo gukina, ibirato vyo gukina umupira w’amaguru, amasabuni,amavuta yo gufungura ava mu bigazi hamwe n’imitaka.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.