Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Ishuri ICB ry’ubudandaji ryugawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura : Ishuri ICB ry’ubudandaji ryugawe

Bujumbura : Ishuri ICB ry’ubudandaji ryugawe

vendredi 17 Gitugutu 2014

Ishuri y’ubudandaji y’i Bujumbura (ICB) yazindutse yugajwe amagufuri mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu. Nta munyeshuri cane uwundi mukozi akorera muri iyo nyubakwa yahahonyoje ikirenge. Inzandiko zavuga ivy’iryo shure zari zafuditse. Umuyobozi w’ishuri avuga ko adatahura iyugarwa ry’ishuri kandi ata rwandiko rumugabisha yigeze ahabwa.

JPEG - 43.8 ko
Umuryango uboneka kure niwo wugawe, ivyandiko vyafuswe

Ku muhingamo wo kuri uwo wa kane igenekerezo rya 16 Gitugutu, amaze guhamagarwa kuri ngendanwa yiwe na Kayumba Jeanine aserukira ishuri imbere y’amategeko ngo anyaruke ku kazi, Bendera Mwanaki umuyobozi w’ishuri ICB yahasanze abakozi ba sentare y’intango ya Rohero (Tribunal de Residence Rohero) ari kumwe n’igiporisi, aca ategekwa kwimura ibintu vyose biri muri iryo shuri.
Umuyobozi Bendera Mwanaki ntiyemeye gukora ivyo bamutegetse kuko atigeze amenyeshwa igituma bamusohoye. Wewe yabona ko biciye kubiri n’amategeko.

JPEG - 1.7 Mo
Umuyobozi w’Ishuri ICB Bendera Mwanashi

Uwo muyobozi aremera ko ishuri rifitiye amahera yoba agera ku mezi ane nyene inyubakwa, ariko avuga ko yishikije amasezerano yo gupanga n’ugupangisha izo nyubakwa ishuri ICB ikoreramwo yashizweko umukono na Reverand Pasteur Nicodeme AHISHAKIYE nk’uwupanze hamwe Cimpaye Dieudonne nk’uwupangishije, ingingo ya 11 ivuga ko "habaye kutumvikana mw’ikwirikizwa ry’amasezerano bagiranye, izo mpande zose zishobora gutorera inyishu ibibazo bafitaniye zonyene, vyanse bakitura ubutungane bw’Uburundi". Iyindi ngingo umuyobozi yishimikiza ni iya 4, ivuga ko "nyene inzu ashatse kugurisha ikibanza abanza kubimenyesha ubwa mbere uwupanze".

Uwo muyobozi aravuga ko iyugarwa ry’ishuri ryoba ryavuye kuri Reverand Pasteur Nicodeme AHISHAKIYE ari nawe aboneka ku maserano yo gupanga ariko uwo Pasteur akaba atana kimwe ajejwe mu bijanye n’uburongozi bw’ishuri. Uwo muyobozi abona ko hari ibindi vyinyegeje inyuma. Ikindi Bendera avuga n’uko ataco yari kubaza Jeanine ariserukira imbere y’amategeko kandi wewe biboneka ko yari abizi.

Bendera Mwanaki amenyesha ko ibiro vyose vyamenywe, ivyarimwo vyose bimwe birasanzazwa ibindi nk’intebe n’ibindi bipakirwa imodoka akaba atawuzi irengero ryavyo. Uwo asaba ko amategeko yokwirikizwa kandi asaba ko abo bose berwa n’ikibazo bomufasha gusemerera.

Bamwe mu banyeshuri biga kuri ICB bavuga ko bobo batanga amahera y’ishuri ukuri kwamye, bariha amahera y’ishuri ashika 17000 ku munyeshuri. Abo banyeshuri basaba ko bokwugurura amasomero yabo kuko batazi ico bariko bazira narirya igice ca mbere cari kigeze kure. Ishuri ICB rifise abanyeshure bagera ku 300, riri muri Rohero ya 2, akabarabara ka Bututsi inomero 56.

Twarondeye Reverand Pasteur Nicodeme AHISHAKIYE ariko ngendanwa yiwe irazimije.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.