Itarike 14 Ntwarante

Yanditswe na INGABIRE Luc-Noël
Kuya 14 mars 2017 saa 08:25
Yasomwe : 4905
0 0

Igenekerezo rya 14 Ntwarante.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1907 : Theodore Roosevelt, umukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika yirukana abakozi b’abayapani ku mugabane wa Amerika.
1964 : I Dallas, Jack Ruby, uwagandaguye Lee Harvey Oswald acirwa urubanza rwo kunyongwa ku ntebe irimwo umuyagankuba. Lee Harvey Oswald nwe akaba ari uwagandaguwe John F. Kennedy. 1990 : Mikhaïl Gorbatchev atorwa n’inama nshingamateka kugira abe umukuru w’igihugu.
2004 : Vladimir Poutine atorwa (...)

Igenekerezo rya 14 Ntwarante.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1907 : Theodore Roosevelt, umukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika yirukana abakozi b’abayapani ku mugabane wa Amerika.

JPEG - 31.2 ko
Theodore Roosevelt

1964 : I Dallas, Jack Ruby, uwagandaguye Lee Harvey Oswald acirwa urubanza rwo kunyongwa ku ntebe irimwo umuyagankuba. Lee Harvey Oswald nwe akaba ari uwagandaguwe John F. Kennedy.
1990 : Mikhaïl Gorbatchev atorwa n’inama nshingamateka kugira abe umukuru w’igihugu.

JPEG - 376.6 ko
Mikhaïl Gorbatchev

2004 : Vladimir Poutine atorwa ubwa kabiri mu mabanga y’umukuru w’igihugu ku majwi 71 kw’100.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1879 : Albert Einstein, imvukira yo mu Budagi, akaba ari umushakashatsi w’umuhinga yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1921.

JPEG - 592.7 ko
Albert Einstein

1975 : Abd al Malik, umuririmvyi w’umufaransa agira umudiho wa rap na slam.

JPEG - 48.1 ko
Abd al Malik

1983 : Vitaa, umuririmvyikazi w’umufaransa.

PNG - 395.8 ko
Vitaa

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

2009 : Odette Bongo, umutambukanyi w’uwabaye umukuru w’igihugu ca Gabon, Omar Bongo.
2010 : Peter Graves, umunyamerika w’umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi. Yakinye mw’ireresi izwi cane yitwa “Mission Impossible”.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Izindi Nkuru - Akahise

18 Mukakaro
18/07/17 - 08:42
17 Mukakaro
17/07/17 - 09:44
14 Mukakaro
14/07/17 - 08:29
9 Mukakaro
08/07/17 - 01:10
6 Mukakaro
06/07/17 - 01:50
5 Mukakaro
04/07/17 - 08:51
Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha