IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 15 Myandagaro

Itarike 15 Myandagaro

lundi 15 Myandagaro 2016

Igenekerezo rya 15 Myandagaro .

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1914: Iyugururwa icese ry’umuhora wa Panama.

JPEG - 59.5 ko
Umuhora wa Panama

1945: Igihugu c’Ubuhindi kirikukira.
1960: Igihugu ca Congo kirunka intahe y’ukwikukira.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1769: Napoléon wa 1, umwami w’Ubufaransa.

JPEG - 8.9 ko
Napoléon wa 1

1771: Walter Scott, umwanditsi akaba n’umwanditsi w’ivyivugo w’umwongereza.
1785: Thomas de Quincey, umwanditsi w’umwongereza.
1807: Jules Grévy, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
1945: Alain Juppé, umunyapolitike w’umufaransa.

JPEG - 5.6 ko
Alain Juppé

1950: Anne, umwana wo munda y’ingoma yo mu Bwongereza.
1990: Jennifer Lawrence, umukinyi w’amereresi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

952: Suzuku, umwami w’Ubuyapani.
1926: Rudolph Valentino, umukinyi w’amareresi w’umutariyano. Uwu mukinyi bivugwako yari mwiza cane. Yarakundwa n’abagore cane. Ubwiza bwiwe bagereranyako bungana n’ubwa George Clooney, Brad Pitt na Leo DiCaprio babushize hamwe. Urupfu rwiwe rumaze kumenyekana rwatumye abagore n’abigeme benshi biyahura. Uwo mukinyi yakina amareresi batavugamwo yishwe n’indwara y’umushishito.

JPEG - 22 ko
Rudolph Valentino

1936: Grazia Deledda, umugore w’umwanditsi akomoka mu Butariyano. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1926.

Ibihimbazwa

. Muri Congo: Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikurkira.
. Corée: Umunsi mukuru wo kwibohoza. Bibuka intsinzi Corée yaronse ku Buyapani mu 1945.
. Kuba Katorika bose bo kw’isi : Umunsi mukuru wa Asomusiyo. Hibukwa iyurizwa rya Bikira Mariya mw’ijuru.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.