Itarike 15 Ntwarante

Yanditswe na INGABIRE Luc-Noël
Kuya 15 Ntwarante 2016 saa 05:34
Yasomwe : 3699
0 0

Igenekerezo rya 15 Ntwarante.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
632: Mahomet ava mu gisagara ciwe c’amavukiro La Mecque aja mu gisagara Médine. 1907: Abagore bijinzwa ubwa mbere mu nama nshingamateka y’igihugu ca Finlande. 1963: Hashirwaho « iterefone itukura » hagati ya Washington na Moscou. Iterefone yo kugira bakinge intureka hagati ya Reta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya.
2003: François Bozizé atembagaza ubutegetsi muri Centrafrique.
2013: Reta ya Maryland, imwe mu yagize Reta (...)

Igenekerezo rya 15 Ntwarante.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

632: Mahomet ava mu gisagara ciwe c’amavukiro La Mecque aja mu gisagara Médine.
1907: Abagore bijinzwa ubwa mbere mu nama nshingamateka y’igihugu ca Finlande.
1963: Hashirwaho « iterefone itukura » hagati ya Washington na Moscou. Iterefone yo kugira bakinge intureka hagati ya Reta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya.

2003: François Bozizé atembagaza ubutegetsi muri Centrafrique.

JPEG - 157.3 ko
François Bozizé

2013: Reta ya Maryland, imwe mu yagize Reta Zunzubumwe z’Amerika, ikuraho igihano co gupfa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1975: Eva Longoria Parker, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika yamuka muri Mexique. Ni umutambukanyi w’umukinyi wa Basketball w’umufaransa, Tony Parker.

JPEG - 81.9 ko
Eva Longoria Parker

1981: Young Buck, umuririmvyi w’umunyamerika.

JPEG - 41.8 ko
Young Buck

1983 : Jean-Jacques Gosso, umukinyi w’umupira w’amaguru yamuka muri Côte d’Ivoire.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

44 imbere yivuka rya Yezu Kirisu: Jules César, umuyotware akaba n’umwanditsi w’umuromani.

PNG - 343.6 ko
Ikibumbe c’umutwe wa Jules César

1996: Wolfgang Koeppen, umwanditsi w’umudagi.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abaguzi.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igikenye gishobora gukoreshwa n’igiporisi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha