Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 15 Nzero
Itarike 15 Nzero
jeudi 14 Nzero 2016
Igenekerezo rya 15 Nzero.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1826: Ikinyamakuru «Le Figaro» kirasohora inomero yaco ya mbere.

2001: Urubuga ngurukanabumenyi rwa « Wikipédia » ruraja ku muhora wa internet.
2006: Michelle Bachelet aratorwa kuba umukuru w ‘igihugu ca Chili.
2007: Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Domitien Ndayizeye, ararekurwa inyuma yo gupfungwa yagirizwa ukugomba gutembagaza ubutegetsi. Akaba yari yapfunzwe muri Myandagaro 2006.

2007: Rafael Correa arimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Equateur inyuma yo gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1622: Bivurwako ariho Jean Baptiste Poquelin azwi cane kw’izina rya Molière yaronka ibatisimu.
- Molière
1918: Gamal Abdel Nasser, uwabaye umukuru w’igihugu ca Misiri.
1929: Martin Luther King, umukozi w’Imana akaba n’umunyaporitike w’imboneza w’umunyamerika.
- Martin Luther King
1981: Pitbull, umuririmvyi w’umunyamerika.
- Pitbull
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi.
. Malawi: Umunsi mukuru wahariwe John Chilembwe, uwaharaniye intahe yo kwikukira muri ico gihugu.
IGIHE