Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 16 Gitugutu
Itarike 16 Gitugutu
jeudi 15 Gitugutu 2015
Igenekerezo rya 16 Gitugutu.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1834: Ingoro y’inamanshingamateka yo mu Bwongereza iraterwa n’umuriro. Uno nawo ubomora hafi iyo nyubakwa yose.
1923: Havuka inzu ihinyayura amareresi yitwa The Walt Disney Company. Itanguzwa n’uwitwa Walt Disney.

1964: Ubushinwa buturitsa amabombe yabwo ya mbere y’ubumara(Bombe atomique).
1978: Hatorwa Papa Yohani Paulo wa 2.
- Papa Yohani Paulo wa 2
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1886: David Ben Gourion, umunypolitike wo muri Israël yabay umukuru w’igihugu wa mbere w’ico gihugu.
- David Ben Gourion
1958: Tim Robbins, umukinyi akaba n’umwanditsi w’amareresi w’umunyamerika.
1961: Marc Lévy, umwanditsi w’umufaransa.
1975: Christophe Maé, umuririmvyi w’umufaransa.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1793: Marie-Antoinette d’Autriche, umwamikazi w’Ubufaransa.
1847: Henri de Castellane, umunyapolitike w’umufaransa.
2007: Barbara West, uwacitse kw’icumu mw’isanganya ry’ubwato Titanic.
- Barbara West
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu w’ahariwe ibifungurwa.
INGABIRE Luc-Noël