Itarike 16 Nzero

Yanditswe na INGABIRE Luc-Noël
Kuya 15 Nzero 2018 saa 04:57
7125
0 0

Igenekerezo rya 16 Nzero .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1556: Umwami Charles Quint aratanga mu mabanga yukuba umwami wa Espagne.
1947: Vincent Auriol atorwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa. 1956: Igihugu ca Misiri kirikukira. 1966: Johnson Aguiyi-Ironsi afata ubutegetsi muri Nigéria. 2000: Ricardo Lagos atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Chili.
2004: Michael Jackson arengutswa imbere y’ubutungane bwa Reta ya Californie. Akaba yagirijwe ko yashurashuje ku nguvu abana (...)

Igenekerezo rya 16 Nzero .

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1556: Umwami Charles Quint aratanga mu mabanga yukuba umwami wa Espagne.

JPEG - 85.2 ko
Charles Quint

1947: Vincent Auriol atorwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
1956: Igihugu ca Misiri kirikukira.
1966: Johnson Aguiyi-Ironsi afata ubutegetsi muri Nigéria.
2000: Ricardo Lagos atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Chili.

JPEG - 34.2 ko
Ricardo Lagos

2004: Michael Jackson arengutswa imbere y’ubutungane bwa Reta ya Californie. Akaba yagirijwe ko yashurashuje ku nguvu abana batarakwiza imyaka 18.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1853: André Michelin, umufaransa w’umurwizatunga mu vyamahinguriro.

JPEG - 26.9 ko
André Michelin

1901: Furgencio Batista, uwabaye umukuru w’igihugu ca Cuba.
1980: Seydou Keita, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Mali.

JPEG - 32.1 ko
Seydou Keita

Abazwi cane bitavyima kw’igenekerezo

1989: Pierre Boileau, umwanditsi w’umufaransa.
2001: Laurent Désiré Kabila, umukuru w’igihugu ca Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 52.9 ko
Laurent Désiré Kabila

2010: Carl Smith, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’igitari mu mudiho wa country. Akaba ari umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Bénin: Umunsi wahariwe abamaratiri.
. Reta Zunzubumwe z’Amerika: Umunsi wahariwe umwidegemvyo wo mu kwemera kw’abantu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha