Itarike 17 Ruhuhuma

Yanditswe na INGABIRE Luc-Noël
Kuya 17 février 2016 saa 07:57
Yasomwe : 4149
0 0

Igenekerezo rya 17 Ruhuhuma.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1878 : Umuhora w’amaterefone uratangura ubwa mbere mu gisagara ca San Francisco. Utangurana n’amaterefone 18. 1897 : Rudolf Diesel agerageza ubwambere imoteri ahitwa Augsbourg. Ukwo kugerageza kukaba kwarashobotse, imoteri iremezwa ko ishobora gukora. 1938 : John Baird uwakoze ubwa mbere imboneshakure yerekana ubuhinga bushasha bwaho imbonesha kure yerekana amasanamu arimwo amabara menshi uretse iryera n’irryirabura vyari (...)

Igenekerezo rya 17 Ruhuhuma.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1878 : Umuhora w’amaterefone uratangura ubwa mbere mu gisagara ca San Francisco. Utangurana n’amaterefone 18.
1897 : Rudolf Diesel agerageza ubwambere imoteri ahitwa Augsbourg. Ukwo kugerageza kukaba kwarashobotse, imoteri iremezwa ko ishobora gukora.
1938 : John Baird uwakoze ubwa mbere imboneshakure yerekana ubuhinga bushasha bwaho imbonesha kure yerekana amasanamu arimwo amabara menshi uretse iryera n’irryirabura vyari bihasanzwe.

JPEG - 43.1 ko
John Baird mu bikorwa vyiwe vyo gukora imboneshakure

1939 : Ferdinand Porsche ashira ku mugaragaro umodokari ya mbere yo mu bwoko bwa Volkswagen. Iyaciye itazirwa “imodokari y’abanyagihugu”, aho akaba hari mu Budagi.
1949 : Chaim Weizmann arimikwa mu mabanga mashasha yo kuba umukuru wa Reta ya Israël. Akaba ariwa agiye muri ayo mabanga ubwa mbere kuva iyo Reta ivuka.

JPEG - 19.7 ko
Chaim Weizmann

2000 : Mu gisagara ca Seattle, ishirahamwe Microsoft ritanguza ubuhinga bushasha bwa “Windows 2000”.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1874 : Thomas J.Watson, umuhinga mu vyamahinguriro w’umunyamerika. Niwe yatanguje ishirahamwe IBM rikora ivyuma vy’ubuhinga bwa none.
1963 : Michael Jordan, uwahoze ari umukinyi w’umupira wa Basketball w’umunyamerika.

JPEG - 56.3 ko
Michael Jordan

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1986 : Paul Stewart, umukinyi w’amareresi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.
2010 : Kathryn Grayson, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

JPEG - 111.2 ko
Kathryn Grayson

Ibihimbazwa

. Kosovo : Umunsi wo kwibuka ukwikukira.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Izindi Nkuru - Akahise

18 Mukakaro
18/07/17 - 08:42
17 Mukakaro
17/07/17 - 09:44
14 Mukakaro
14/07/17 - 08:29
9 Mukakaro
08/07/17 - 01:10
6 Mukakaro
06/07/17 - 01:50
5 Mukakaro
04/07/17 - 08:51
Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha