Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 2 Ndamukiza
Itarike 2 Ndamukiza
samedi 2 Ndamukiza 2016
Igenekerezo rya 2 Ndamukiza ni umunsi ugira 92 w’umwaka w’2015.Hasigaye iminsi 273 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1285: Pape Honorius IV yatowe

1305: Louis de France yabaye umwami wa Navarre

1792: Idorari ryashizweho nk’ifaranga rigiye gukoreshwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika
2004: Ama Reta 7 yinjiye mw’ishirahamwe rya OTAN, harimwo Bulgarie, Estonie, Lettonie, Lituanie, Roumanie, Slovaquie, Slovenie.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1725: Giacomo Casanova, umwanditsi w’umutaliyano

1840: Emile Zola, umwanditsi akongera akaba umumenyeshamakuru w’umufaransa

1928: Gainsbourg Serge, umwanditsi w’amareresi w’umufaransa

1939: Marvin Gaye, umuririmvyi w’umunyamerika

1982: David Ferrer, umukinyi wa Tennis aturuka mu gihugu ca Espagne

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1118: Baudouin I, umwami wa Yeruzalemu

1305: Jeanne I, umugore w’umwami Philippe IV ,akongera akaba umwamikazi wa Navarre, mu nyuma yabaye umwamikazi wa France.

1872: Samuel Morse, umuhinga muri Physique, yakoze Telegraphe

1998: Jackie Sardou, umukinyi w’amareresi akongera akaba umuvyeyi wa Michel Sardou

2005: Pape Jean Paul II aturuka mu gihugu ca Pologne

Ibihimbazwa
Umunsi mpuzamukungu wahariwe igitabo ku bana, gitunganywa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibitabo ku rwaruka.
Mu gihugu ca Argentine, bahimbaza umunsi w’abahoze ku rugamba no kwibuka abantu bahitanywe n’intambara ya Malouines.
Messages
2 Ndamukiza 2016, 15:46, par emire
vyar vyiza ko twibuka abapfuye ikibabaje nuko nubu abantu baguma bapfa
2 Ndamukiza 2016, 15:48, par emire
vyar vyiza ko twibuka abapfuye ikibabaje nuko nubu abantu baguma bapfa