Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Akahise
Itarike 21 Ntwarante
Yanditswe taliki ya 21-03-2016 - isaha 07:04'

Igenekerezo rya 21 Ntwarante.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1846 : Urwete rwemeza ko Adolphe Sax ariwe yatanguje ubuhinga bwo gukora igicurarangisho c’umwironge w’ikizungu (saxophone) kirasohoka.

JPEG - 18.7 ko
Adolphe Sax

1934 : Adolph Hitler akoresha ibishomeri mu kwubaka amabarabara manini manini (autoroute).
1961 : Umurwi w’abaririmvyi Beatles ukora ugiteramo cawo ca mbere ahitwa Cavem Club mu gisagara ca Liverpool.

Umurwi "The Beatles"

1977 : Indira Gandhi, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi atanga imihoho mu mabanga yiwe inyuma y’itsindwa ry’uruhande rwiwe rwa politike mu matora y’abashingamateka.
1983 : Yamoussoukro uba umurwa mukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire ku ntwaro ya Houphouët Boigny. Ico gisagara akaba ari icamavukiro c’uwo mukuru w’igihugu yarageze ku kiringo ca gatatu atwara ico gihugu. Umugambe wiwe akaba ari nawo wonyene wari wemewe gukora muri ico gihugu.

JPEG - 207.4 ko
Yamoussoukro

2000 : Papa Paul wa 2 aba umukuru w’ishengero rya Katorika wa mbere agendeye icese igihugu ca Israël.
2006 : Urubuga ngurukana bumenyi rwa « Twitter » ruratanguzwa icese.

PNG - 11.3 ko
Ikimenyetso ca "Twitter"

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1942 : Fradique de Menezes, umukuru w’igihugu ca Sao Tomé-et-Principe.
1978 : Alena Seredova, umukinyi w’amareresi akomoka mugihugu ca Repubrika ya Tchèque.

JPEG - 79.5 ko
Alena Seredova

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amashamba.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ukwivuga(poèsie).
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ugutuza umacakubiri afatiye k’uruhu.
. Namibie : Umunsi wo kwibuka ukwikukira kwico gihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.