Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 22 Munyonyo
Itarike 22 Munyonyo
vendredi 22 Munyonyo 2013
Igenekerezo rya 22 Munyonyo ni umunsi ugira 326 w’mwaka w’2013. Hasigaye iminsi 39 kugira umwaka w’2013 urangire.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1883: Umwamikazi wa Madagascar, Ranavalona wa 3 arimikwa.
1963: Umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, John F. Kennedy aragandagurwa ahitwa i Dallas.
- John F. Kennedy
1943: Igihugu ca Liban kirikukira.
1955: Hageragezwa ibombe ya mbere yo mu bwoko bwa H yegukira abarusiya.
1975: Juan Carlos wa 1, umwami wa Espagne arimikwa.
1990: Margeret Thatcher artanga imihoho mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.
- Margeret Thatcher
2005: Angela Merkel aba umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi.
- Angela Merkel
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1808: Thomas Cook, umurwizatunga w’umwongereza.
1859: Fusajiro Yamauchi, uwatangje ibikinisho vya Nitendo.
- Fusajiro Yamauchi
1861: Ranavalona wa 3, umwamikazi wa Madagascar.
1890: Charles de Gaulle, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
- Charles de Gaulle
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1916 : Jack London, umwanditsi w’umunyamerika.
1963: Umukuru w’igihugu ca Leta Zuznubumwe z’Amrika agira 35, John F. Kennedy, aragandagurwa i Dallas.
1993: Tatiana Nikolaïeva, umuririmvyikazi w’umurusiya.
2011: Danielle Mitterrand, umugore w’umunyapolitike w’umufaransa. Ni n’umutambukanye wa Franços Mitterrand, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
- Danielle Mitterrand
2011: Sveltana Allilouieva, umukobwa wa Joseph Staline.
Ibihimbazwa
. Costa Rica : Umunsi wahariwe umwigisha.
. Liban: Umunsi wo kwibuka ukwiganzura Ubufaransa bwari bukoronije ico gihugu.
. Venezuela: Umunsi wahariwe abize ivy’imico n’imigenzo y’ababantu.
INGABIRE Luc-Noël