Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 22 Nyakanga
Itarike 22 Nyakanga
mercredi 21 Nyakanga 2016
Igenekerezo rya 22 Nyakanga.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1957: François Duvalier atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Haïti.

1960: Igihugu ca Mali kironka intahe y’ukwikukira. Ico gihe bacita Soudan français.
1988: Ikiringo c’intwaro ya Amine Gemayel, umukuru w’igihugu ca Liban kirahera atagira uwumsubirira.
- Amine Gemayel
1992: Igihugu ca Yougoslavie kirakurwa mu muryango wa ONU.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1601: Anne d’Autriche, umwamikazi w’Ubufaransa.
1791: Michael Faraday, umuhinga w’umwongereza muri chimie na physique.
- Michael Faraday
1976: Ronaldo Luis Nazario de Lima, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.
- Ronaldo Luis Nazario de Lima
1984: Thiago Silva, umukunyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1828: Chaka, intwazangabo y’umu zoulou.

1914: Alain Fournier, umwanditsi w’umufaransa.
2010: EddieFisher, umwanditsi w’umunyamerika.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wo kutagendera m’umuduga.
. Bulgarie: Umunsi wo kwibuka ukwikukira.
. Leta Zunzubumwe z’Amerika : Umunsi wahariwe abagore babarwizatunga.
. Mali : Umunsi mukuru wo kwibuka ukwikukira.
INGABIRE Luc-Noël