Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 24 Ruhuhuma
Itarike 24 Ruhuhuma
mercredi 22 Ruhuhuma 2017
Igenekerezo rya 24 Ruhuhuma.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
45 imbere y’ivuka rya Yezu Kristu : Jules César atanguza ikirangaminsi gishasha cahavuye citirirwa izina ryiwe(calendier julien).
1555: Charles Quint aratanga imihoho.
- Charles Quint
1918: Estonie kironka intahe yo kwikukira.
1920: Havuka umugambwe wa “Nazi” mu budagi. Umugambwe wari witwa ko ari uwabakozi b’abadagi wari urongowe na Adolph Hitler.
1966: Kwame N’Krumah, umukuru w’igihugu wa mbere w’igihugu ca Ghana aratembegazwa ku butegetsi n’abasirikare mugihe yari mu rugendo rwakazi mu gihugu c’Ubushinwa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1938: Philip Knight, uwatanguje NIKE.
- Philip Knight
1971: Pedro de la Rosa, umudereva w’imiduga y’amahiganwa muco bita Formule 1.
1989: Anastasia Ivanenko, umunonotsi w’umurusiyakazi ahiganwa mu kwoga mu mabenga.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1990: Malclom Forbes, uwigeze kuba umuyobozi mukuru w’ikinyamakuru Forbes.
- Malcolm Forbes
2001: Claude Shannon, umuhinga mu biharuro w’umunyamerika.
INGABIRE Luc-Noel