IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 29 Nzero

Itarike 29 Nzero

mercredi 29 Nzero 2014

Igenekerezo rya 29 Nzero ni umunsi wa 29 w’umwaka w’2014. Hasigaye iminsi 336 ngo urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1839: Haba ubugeni bwa Charles Darwin na Emma Wedgood.

JPEG - 69.9 ko
Charles Darwin

1861: Kansas iba Reta ya 34 yinjiye mu muryango w’ama Reta agize Reta Zunzubumwe z’Amerika.
1886: Hatanguzwa umuduga wo mu bwoko bwa Mercedes Benz.
1986: Yoweri Museveni yatwara igisirikare c’Ubuganda aja mu kibanza c’umukuru w’igihugu c’Ubuganda.

JPEG - 58.5 ko
Yoweri Museveni

1962: Yves Saint Laurent yerekana urukurikirane rw’impuzu zo ku rwego rwo hejuru.
2006: Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Jacques Chirac afata ingingo yo gufata itarike 10 Rusama ko ari umunsi wo kwibuka abantu bose bishwe kubera ubuja(esclavage).

JPEG - 36.1 ko
Jacques Chirac

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1945: Ibrahim Boubacar Keïta, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Mali.
1954: Oprah Winfrey, umukinyi w’areresi w’umunyamerikakazi, akaba n’umuremesha ibiganiro ku mboneshakure.

JPEG - 86.4 ko
Oprah Winfrey

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1763: Louis Racine, umwanditsi w’ivyivugo w’umufaransa.
1946: Harry Hopkins, umunyaporitike w’umunyamerika yiyumviriye umugambi munini witwa “New Deal”.

JPEG - 50.5 ko
Harry Hopkins

2004: Mary Margaret Kaye, umwanditsi w’umuhindikazi.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.