IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 30 Gitugutu

Itarike 30 Gitugutu

mercredi 30 Gitugutu 2013

Igenekerezo rya 30 Gitugutu ni umunsi ugira 303 w’mwaka w’2013. Hasigaye iminsi 64 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1945: Ubuhindi bwinjira mu muryango w’ibihugu bigize ONU.
1963: Maroc na Algérie bisinya amasezerano y’i Bamako yo guhagarika imishamirano ku kibazo c’imipaka hagati y’ivyo bihugu.
2011: Rossen Plevneliev atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Bulgarie inyuma y’igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu.

Rossen Plevneliev

2012: Ihinguriro ry’amareresi The Walt Disney Company rigura irindi ryitwa Lucasfilm.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1735: John Adams, uwabaye umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 2.

JPEG - 3.7 ko
John Adams

1871: Paul Valéry, umwanditsi w’umufaransa.
1873: Francisco Madero, umukuru w’igihugu ca Mexique.
1960: Diego Maradona, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru.

JPEG - 7.3 ko
Diego Maradona

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1989: Pedro Vargas, umuririmvyi wo muri Mexique.

JPEG - 4.4 ko
Pedro Vargas

2002: Jason Mizel batazira Jam Master Jay, umu DJ w’umurwi w’abanyamerika baririmba umudiho wa hip-hop. Umurwi witwa “Run DMC”.
2009: Claude Levi-Strauss, umu philosophe w’umufaransa akaba n’umwanditsi.

JPEG - 9 ko
Claude Levi-Strauss

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.