IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 30 Kigarama

Itarike 30 Kigarama

lundi 30 Kigarama 2013

Igenekerezo rya 30 Kigarama ni umunsi ugira 364 w’mwaka w’2013. Hasigaye umunsi 1 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1880: Hatanguzwa Repubrika ya Afrika y’Epfo yi Transvaal. Itanguzwa n’abo bita aba « Boers ».
1911: Sun Yat-sen, aba umukuru w’igihugu ca mbere w’Ubushinwa.

JPEG - 713.7 ko
Sun Yat-sen

1913: William David Coolidge, atanga urwete rwemezako ariwe yatoye ubuhinga bwo gukora itara ririmwo akagozi ka kuma ko mu butare bwitwa “tungstène”.
1916: Raspoutine agandagurirwa ahitwa Petrograd.
1947: Umwami Michel wa Roumanie aratanga maze haca hatangazwa Repubrika ihurikiyemwo bose ya Roumanie.
1960: Karol Wojtyla aba musenyeri mukuru wi Cracovie. Uyo akaba yahavuye aba Papa Yohani Pahuro wa 2.
1972: Richard Nixon afata ingingo yo guhagarika ugucucagira amabombe muri Viet Nam.

JPEG - 1.9 Mo
Richard Nixon

1975: Havuka Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Madagascar.
1993: Reta ya Vatikano na Israel zitangura imigenderanire.
2002: Mwai Kibaki yaraherutse gutorwa ararahirira amabanga yo kuba umukuru w’igihugu ca Kenya.

JPEG - 19 ko
Mwai Kibaki

2006: Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Irak aranyongwa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1935: Omar Bongo Ondimba, uwabaye umukuru w’igihugu ca Gabon agira 2.

JPEG - 82.5 ko
Omar Bongo Ondimba

1975: Tiger Woods, umukinyi rurangiranwa w’urukino rwa Golf.
1984: LeBron James, umukinyi wa basketball w’umunyamerika.

JPEG - 39.2 ko
LeBron James

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1968: Trygve Lie, uwabaye umukuru w’ighugu ca Norvège yongera aba umunyamabanga mukuru wa ONU wa mbere.

JPEG - 135.5 ko
Trygve Lie

INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.