Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 5 Kigarama
Itarike 5 Kigarama
lundi 5 Kigarama 2016
Igenekerezo rya 5 Kigarama.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1946: Igisigara ca New York gitorwa ko arico cobamwo icicaro c’ishirahamwe rya ONU.

1991: Leonid Kravtchouk aba umukuru w’igihugu wa mbere w’igihugu ca Ukraine cikukiye.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1782: Martin Van Buren, uwabaye umukuru w’igihugu wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira uw’8.
- Martin Van Buren
1901: Walt Disney, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.
- Walt Disney
1901: Werner Heisenberg, umuhinga muri physique w’umudagi. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1932.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1560: François wa 2, umwami w’Ubufaransa.
1791: Wolfgang Amadeus Mozart, umwanditsi w’umuziki rurangiranwa akomoka muri Autriche.
- Wolfgang Amadeus Mozart
1870: Alexandre Dumas père, umwanditsi w’umufaransa.
2002: Ne Win, umukuru w’igihugu ca Birmaniya.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu w’abitanzi (volontaires).
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe umu Ninja.
. Ubufaransa: Umunsi mukuru w’igihugu wahariwe ukwibuka abafaransa baguye mu ntambara yo muri Algérie.
INGABIRE Luc-Noël