IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 6 Gitugutu

Itarike 6 Gitugutu

dimanche 6 Gitugutu 2013

Igenekerezo rya 6 Gitugutu ni umunsi ugira 279 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 86 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1973: Indwano ya Kippour iratangura.
1981: Umukuru w’igihugu ca Misiri, Anouar el-Sadate arigandagurwa.

JPEG - 26.9 ko
Anouar el-Sadate

1927:Hasohoka ireresi ya mbere irimwo amajwi. Iyo nayo ikaba yari iyitwa “Le Canteur de jazz”.
1979: Papa Yohani Paulo wa 2 aba umu papa wa mbere yakiriwe muri Maison-Blanche, ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1888: Roland Garros, umusirikare w’umufaransa akaba n’umuhinga mu vy’indege.

JPEG - 88.2 ko
Roland Garros

1903: Ernest Walton, umhinga muri physique akomoka muri Irland. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1951.

Uwuzwi cane yitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1981: Anouar el-Sadate, umukuru w’igihugu ca Misiri.

Ibihimbazwa

. Misiri : Umunsi wahariwe igisirikare.
. Leta Zunzubumwe z’Amerika : Umunsi wo guhimbaza ubucuti buri hagati y’Ubudagi na Amerika.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.