Itarike 7 Nzero

Yanditswe na INGABIRE Luc-Noël
Kuya 7 janvier 2016 saa 08:57
Yasomwe : 3492
0 0

Igenekerezo rya 7 Nzero
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1789 : Haba amatora ya mbere mu Reta Zunzubumwe z’Amerika. 1905 : I Washangton DC, M. Gran aba umwirabure wa mbere ahawe amabanga makuru ya Reta. Ikaba yatowe na Theodore Roosevelt naho inama nkenguzamateka yari yahakanye itorwa ry’uwo mwirabure. 1953 : Umukuru w’igihugu Harry S. Truman amenyesha ko igihugu arongoye ca Reta Zunzubumwe z’Amerika gifise ibombe yo mu bwoko bwa Hydrogène.
2007 : Ban Ki-moon asaba ukutanyonga babiri (...)

Igenekerezo rya 7 Nzero

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1789 : Haba amatora ya mbere mu Reta Zunzubumwe z’Amerika.
1905 : I Washangton DC, M. Gran aba umwirabure wa mbere ahawe amabanga makuru ya Reta. Ikaba yatowe na Theodore Roosevelt naho inama nkenguzamateka yari yahakanye itorwa ry’uwo mwirabure.
1953 : Umukuru w’igihugu Harry S. Truman amenyesha ko igihugu arongoye ca Reta Zunzubumwe z’Amerika gifise ibombe yo mu bwoko bwa Hydrogène.

JPEG - 250.9 ko
Harry S. Truman

2007 : Ban Ki-moon asaba ukutanyonga babiri mu bagendanira Saddam Hussein.
1714 : Herny Mill atanga urwete ubwa mbere rwerekana ko ariwe yatanguje imashini yo kwandika.

JPEG - 231.3 ko
Herny Mill

1910 : Hubert Latham aba umudereva w’indege wa mbere ashoboye gutwarira indege ku metero 1000 uduga mu kirere.
1914 : Ubwato bwa mbere bujamukana umuhora wa Panama ubwa mbere.

JPEG - 54.1 ko
Umuhora w’i Panama

1927 : Haba uguhamagara mu makungu ubwa mbere hakoreshejwe terefone. Iryo hamagara rika ryabaye hagati y’igisagara ca New York na Londres.
1841 : Victor Hugo atorwa kw’injira muri Académie française afata inyegamo ya 14.

Victor Hugo

1929 : Hasohoka igitabo ca mbere kirwiriyemwo ibicapo kizwe kw’izina rya Tarzan.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1934 : Tassos Papadopoulos, umunyaporitike wo muri Chypre w’umugiriki.
1985 : Lewis Hamilton, umwongereza w’umudereva w’imodokari z’amahiganwa muco bita Formule 1.

JPEG - 69.1 ko
Lewis Hamilton

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1536 : Catherine d’Aragon, umwamikazi w’ubwongereza yari umugore wa mbere w’umwami Herny w’8.
1715 : Fénelon, uwihebeyimana akaba n’umwanditsi w’umufaransa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha