Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Akahise
Itarike 8 Myandagaro
Yanditswe taliki ya 8-08-2016 - isaha 07:34'

Igenekerezo rya 8 Myandagaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1815 : Napoléon ahungira kw’izinga rya Sainte-Hélène.
1873 : I Bruxelles, Paul Verlaine acibwa imyaka ibiri y’ugupfungwa kubera yarashe n’inkoho umwanditsi Arthur Rimbaud. Ubutungane bw’Ububirigi bukaba bwaciye bwerekana mu nyuma ko Paul Verlaine yarafise impengamiro zo mubabana basangiye ibitsina. Ndetse ico gihe, mu vyukuri yahaniwe iyo mpengamiro.

JPEG - 4.5 ko
Paul Verlaine

1880 : I Boma hugururwa ama misiyonari yaba katorika. Ninaho habaho ishuri rya mbere muri Repubrika Iharanira intwaro rusangi ya Congo.
1925 : Umurwi wa Ku Klux Klan ugira inama yawo ya mbere ihuza abava mu gihugu cose ca Leta Zunzubumwe z’Amerika. Iyo nama ikaba yabereye i Washington.
1929 : Umudagi Graf Zeppelin atangura urugendo rwo kuzunguruka isi yose.

JPEG - 5.8 ko
Graf Zeppelin

1938 : Hatangura iyubakwa ry’ikambi ya Mauthausen. Aho ni mu Budagi, ikambi zimwe zegeranirizwamwo abakumiriwe n’intwaro ya Adolf Hitler.
1945 : Leta Zunzubumwe z’Amerika zisinya amategeko y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
1947 : Ibendera rya Pakistan riratorwa, riremerwa nk’ibendera ry’ico gihugu.
1949 : Igihugu ca Bhoutan kirikukira.
1960 : Inzu ikora ama disc y’umuziki yo mu Bwongereza y’itwa Decca imena ama disc 25 000 y’urukurikirane “Tell Laure I Love Her” y’umuririmvyi Ray Peterson. Imvo ikaba ari uko urwo rukurikirane rwarimwo indirimbo zirimwo amajambo y’ibiterasoni.

JPEG - 6.3 ko
Igifuniko c’urwo rukurikirane

1969 : Haba nyamugigima muri Iranimaze hapfa abantu 22 000.
1974 : Richard Nixon, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, aratanga imihoho mu mabanga yiwe. Bikaba vyaturutse kuvyiswe Scandale de Wategate.

JPEG - 8.4 ko
Richard Nixon

1981 : Ronald Reagen atanga uruhusha rwo gukora bombe à neutrons.
1986 : Hugururwa isoko ry’imitahe rya mbere mu Bushinwa ahitwa Shenyang.
2002 : Itariki ntarengwa yari yashinzwwe na Let aya Zimbabwe ngo abarimyiborozi b’abazungu bo murico gihugu babe bavuye mu matongo yabo.
2008 : Hugururwa inkino mpuzamakungu Jeux Olympique i Pékin kw’isaha 2 n’imota 8 n’amasegonda 8 zo mw’ijoro(isaha zo mu Bushinwa).

JPEG - 11.1 ko
Iyugururwa icese rya Jeux Olympiques i Pekin mu 2008

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1901 : Ernest Orlando Lawrence, uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu 1939.
1902 : Paul Durac, umuhinga muri Physique yaronse agashimwe itiriwe Nobel muri Physique mu 1933.
1929 : Luis Garcia Meza Tejada, umukuru w’igihugu ca Bolivie yatwaza umukazo. Yafashe ubutegetsi ku nguvu itarike 17 Mukakaro 1980.
(Ifoto ya Luis Garcia Meza Tejada)

Ibihimbazwa

. Muri Chili : Umunsi Wahariwe ikiribwa « Chocolat ».
. Muri Swede : Umunsi wahariwe umwamikazi ukaba n’umunsi mukuru wahariwe ibendera ry’ico gihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.