IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 8 Ndamukiza

Itarike 8 Ndamukiza

samedi 9 Ndamukiza 2016

Igenekerezo rya 8 Ndamukiza.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

2010: Dimitri Medvedev hamwe na Barack Obama bashira urukumu kumasezerano yo gukura guheba ibiranisho ruhonyanganda mu bihugu vy’Uburusiya na Reta Zunzubumwe z’Amerika. Ayo masezerano akaba yiswe traité de START.

JPEG - 36.7 ko
Dimitri Medvedev hamwe na Barack Obama

2005: Haba amaziko ya Papa Yohani Pawuro wa 2, i Roma mw’isengero ryitiriwe Umweranda Petero.

JPEG - 20.3 ko
Papa Yohani Pawuro wa 2

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1975: Albert wa 1, umwami w’ababirigi.
1918: Betty Ford, umutambukanyi wa Gerald Ford yabaye umukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika.
1938: Kofi Annan, uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 41.1 ko
Kofi Annan

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1861: Elisha Otis, uwatoye ubuhinga bwo gukora icuma kirerura abantu mu magorofa maremare bita « ascenceur ».
1973: Pablo Picasso, umuhinga mugusiga amarangi muvyo gushushanya. Akaba yakomoka muri Espagne.
2013: Margaret Thatcher, umugore yabaye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza kuva 1979 gushika 1990.

JPEG - 42.8 ko
Margaret Thatcher

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.