IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 9 Myandagaro

9 Myandagaro

vendredi 10 Myandagaro 2018

Igenekerezo rya 9 Myandagaro .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1534: Jacques Cartier yubura uruzi Saint-Laurent.

JPEG - 7.7 ko
Jacques Cartier

1903: Hatorwa umupapa muhasha aca afata izina rya Pie wa 10.
1936: Mu nkino mpuzamakungu za Jeux Olympique zi Berlin, umwirabure Jesse Owens atwara umudari w’inzahabu ugira 4 imbere ya Adolf Hitler. Ico gihe Hitler yarahakanye ku mukora muntoke aho yariko arahabwa uwo mudari.

JPEG - 10.9 ko
Jesse Owens

1942: Gandhi arahagarikwa inyuma y’ijambo yavuze igihe yariko aratanguza umuhari wa Quit India.

JPEG - 42.5 ko
Gandhi ahagaritswe

1945: Leta Zunzubumwe z’Amerika zitera ibombe ku isagara ca Nagasaki co mu Buyapani. Iyo bombe ikaba yataziriwe « Fat Man ». ikaba yarimwo ubumara bwitwa Plutonium.
1965: Singapour kirikukira, ciyonkora kuri Malaisie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1776: Amedeo Avogadro, umuhinga muri chimie no muri physique akomoka mu Butariyano.

JPEG - 10.7 ko
Amedeo Avogadro

1908: Tommaso Landolfi, umwanditsi w’umutariyano.
1911: William Fowler, yaronse agashimwe kitiriw Nobel muri Physique mu 1983.
1927: Daniel Keyes, umwanditsi akaba n’umushakashatsi mu vy’imibereho y’abantu.
1939: Romano Prodi, umunyapolitike w’umutariyano.
1963: Whitney Houston, umuririmvyi w’umunyamerika.

JPEG - 8.2 ko
Whitney Houston

1973: Filippo Inzaghi, umukinyi w’umupira w’amauru akomoka mu Butariyano.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1962: Hermann Hesse, umwanditsi akomoka muri Suisse yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1946.

JPEG - 7.3 ko
Hermann Hesse

1969: Cecil Frank Powell, uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu 1950.

Ibihibazwa

. Canada: Umunsi wahariwe inteko za ONU. Umunsi mukuru wo ku rwego rw’igihugu.
. Singapour: Umunsi mukuru w’igihugu. Hibukwa aho ico gihugu ciyonkora kuri Malaisie.
. Afrika y’Epfo: Umunsi mukuru w’abagore ku rwego rw’igihugu.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.