IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > itariki 29 Mukakaro

itariki 29 Mukakaro

vendredi 28 Mukakaro 2017

Igenekerezo rya 29 Mukakaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1836: Ishikirizwa ry’inyubakwa ya Arc de Triomphe de l’Etoile mu gisagara c’i Paris mu Bufaransa. Iyo nyubakwa ikaba yari yashatswe na Napoléon wa 1.

arc de triomphe de l'étoile

1881: Mu Bufaransahatorwa itegekoritanga ubwingenge bw’ibinyamakuru.

1907: Havuka umuhari wa Scout, utanguzwa na Robert Baden-Powell.

Baden Powell

1937: Farouk yimikwa kuba Umwami wa Misiri.

1958: Havuka NASA, urwego rwo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika rushinzwe ivy’indege n’ibigendajuru.

1959: Izinga rya Hawaï ryitaba amatora ya mbere nka Leta imwe muyagize Leta Zunzubumwe z’Amerika. Iryo zinga rironka n’abariserukira mu rwego rukuru rw’igihugu.

1973: Abagiriki bakuraho intwaro ya cami maze bashira Géorgios Papadópoulos mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

1981: Charles, umwana wo munda y’ingoma y’Ubwongereza agirana ubugeni na Diana Spencer.

Umuganwa Charles

1991: Boris Eltsine yemera kumugaragaro ukwikukira kwa Lituanie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1805: Alexis de Tocqueville, umuhinga muri kahise akaba n’umutekamutwe w’umufaransa.

1883: Benito Mussolini, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubutariyano.

Benito M

1900: Evyind Johnson, umwanditsiakomoka muri Swede yaronse gashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1974.

1905: Dag Hammarskjöld, umunyamabanga mukuru wa ONU kuva 1953 gushika

Dag H

1961 yakomoka muri Swede. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel k’amahoro mu

1961. Akaba yatangajwe ko akaronse yaritavyimana mu 1961. Uwu munyamabanga mukuru wa ONU akaba yaguye mw’isanganya ry’indega ryabereye muri Congo.

1937: Ryutano Hashimoto, umushikrangani wa mbere w’Ubuyapani.

1981: Fernando Alonso, umudereva w’imiduga yo gusiganwa. Akomo muri Espagne.

Fernando A

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1982: Vladimir Zyorykine, umuhinga muri Physique akaba ari umwe mubatoye ubuhinga bwo gukora icuma gifata amasanamu bita Caméra. Akaba ari umurusiya.

2009: Dina Babbit, umuhinga mu tugenegene akaba nuwacitse kw’icumu mw’ihonyabbwoko ry’aba juifs ryiswe Shoah.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu w’ubutandukane bw’imibano n’akaranga hamwe no kurwanya ikumirana.
. Roumanie: Umunsi mukuru wahiriwe ururirimbo ruhayagiza igihugu(“Ikangure Roumanie”).
. Thaïlande: Umunsi wahariwe ururimi rw’igi thaïe


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.