IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa

lundi 22 Kigarama 2014

Abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, bagasaba ko bagenzi babo bo muri kaminuza ya gisirikare bakubaguye abanyeshure bo kuri kaminuza y’Uburundi bohabwa ibihano.

Mu gihe bariko bakira abanyeshure bashasha muri kaminuza y’Uburundi, harabaye ukutumvikana ku munyeshure yari aje ava muri kaminuza ya gisirikare ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires), aho yavuga ko yoja mu bakira abandi, muri kaminuza y’Uburundi nabo bakamubwira ko atabifitiye uruhusha. Ukwo kutumvikana kwakweze ugutana mu mitwe, mu nyuma abo banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahavuye barwana n’abandi baje bava muri ISCAM, baharurwa muri mirongo ine. Amakuru duhabwa n’uwuserukira abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi, Simoni Mariya Rurasuma, amenyesha ko abanyeshure bagera kuri 23 aribo bakomerekeye muri izo ntureka.

JPEG - 41.3 ko
Simoni Mariya Rurasuma, aserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi

Bafashe ingingo y’uguhagarika ivyigwa

Simoni Mariya Rurasuma, aserukira abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi amenyesha babonye umenga ico kibazo kiriko gifatwa nk’igisanzwe, ari naco gituma bafashe ingingo y’uguhagarika ivyigwa, kugira basabe ko abo banyeshure bo muri ISCAM bateye abo muri kaminuza y’Uburundi bohanwa, kugira ntihahave haba ukwihorana hagati y’abanyeshure, kwokwega izindi ntureka.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko amategeko atomoye, uwuzokwagirizwa ko yasohotse akaja muri iyo migumuko azobihanirwa ku gatwe kiwe. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi akamenyesha ariko ko abo banyeshure batari kwihutira guhagarika ivyigwa, akabasaba ko boshira imbere ibiganiro, bakarindira ibiva mu nama ihuza umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi hamwe n’uwurongoye Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abo banyeshure ba UB ntibaramenya icabakuye iwabi. ni basubire iwabo baje kuragira no kurima kuko umwanya batesha abandi urakwiye. Umusi babonye abo mu runganwe bayamaze niho bazomenya ico batakaje. None bari bazi ko gukubagura umusirikare vyijana? Nibamenye ko kuva kara hose hari ibiti biturirwa.

  • OYA SHA JEAN,COMMUNAUTE YOSE IGIRA IMICO YAYO,URI UMUSIRIKARE CANKE UBA IKI UTEGEREZWA GUKURIKIZA AMATEGEKO USANZE AHUGIYE.NTABWO UMUNTU YOZA KUKWINJIRIRA AHUBAYE,NIBATABAHANA BIZOHAVA BITERA INGORANE KUKO ABA ETUDIANTS BAZOBIHANIRA KDI BIRASHOBOKA.MBEGA KWATAMU CIVIL YIGA MURI ISCAM MAIS MURI CAMPUS HIGAYO ABA ISCAMIES ABA ETUDIANTS NIBABANKIRA BAJE BAKABARWANYA VYOGENDA GUTE?VYIZA UWAKOZE ICAHA NAHANWE NTAGUSASIRA INDAVA IKIBI.
    IGISODA BENSHI BARAKIZI NAHO HARIMWO ABAGIZE SMO

  • mbega Jean wew wiga hehe?ibitakurab uraba hasi?ugirang ntidufite iyo twavuye?ugirango abasoda barimw amabuye?canke utinya zirya nkoho zabo?zirya zirasanzwe,namabombe yaradusize!!!!!

  • Nkurikiranye Akagagazo uyumuntu avuganye yitwa Vital wosanga aboba yeshure bokuri ISCAM arayomajambo Vital avuze babwiwe. Kubijanye naboba yeshure bokuri UB, jewendabona ivyokwama bahangaritse ivyirwa babigize umugenzo! Nisazi ikomye wumvango bahagaritse ivyirwa! Ndabasavye mwige ivyonavyo bizabiratuma mushavura ntibizigera bibura mbesewanashaka bizozabirashika burikwezi canke burimusi nonemuzocamuzamurahagarika ivyirwa burimusi canke burikwezi? Nobabwirako nabavyeyibabavyaye iyohataba kobagiye barihanganiranira ahobageze ntibababarahageze, kubakw’Isi nukwitondacobo! Abobose mwumva bizebakamara iyokaminuzamurimwo ivyobarahuyenavyo ariko kukobaribazi iyobarikobarashakakuja barumiye kurukaramu kukoyobata urworukaramu nkukwo muzamurabigira ntitubatubitako bamaze kaminuza tubatubita abatamaze kaminuza, nonemubona tubota abatigatagambije? Mbehoho murikaminuza baratanga amanota yabahagarika ivyiryacane?

  • Mwese musabwa gusenga.none mwebwe izo nguvu canke ayo majambo muyakura hehe?

  • JEWE NTAKINTANGAJE,KARASHIZE INGANI UMUTI WAME UTORWA KUCINGUVU? MBE BASHA KO ABAHUTU BAKUNDA KUGWANA NIKUKI? UWOSUZUMA YOSANGA ATA MUTUTSI ARIMWO MWIZO NTUREKA! NTA BA POILS BO KURWANA NTIMUGASUBIRE

  • Ngi hari abaciiye smo bakiri muri UB? Abo ni batahe baje muhira kuragira kuko smo yavuyeho haciye imyaka irenga cumi. Nuyoba yariko aca Ph D yarahejeje ntaci agikora muri UB atari kwa guta umwanya mu bitagira akamaro twavuga aho hejuru. Nimba uko hagize akatagenda neza muca muhagarika kwiga biracabagoye aha sindababesha

  • Nibaza ko ubuyobozi bwa Kaminuza bukwiye kuvanaho ako karanga kabi ko kubatiza kuko kari contre les droits de l’homme caane cane ko maturité yababikora ari question avec l’histoire de violence de notre pays.
    Hanyuma abanyeshuri ba kaminuza barakwiye formation civique approfondie kugira bibutswe leur devoir ,leur mission et pourquoi ils sont la,si uguharika ivyigwa kugakomye kose.
    Mes chers etudiants changer de comportement !!! C’est pour votre interet
    Que dieu vous benisse et vous illumine. Peace

  • Nibaza ko ubuyobozi bwa Kaminuza bukwiye kuvanaho ako karanga kabi ko kubatiza kuko kari contre les droits de l’homme caane cane ko maturité yababikora ari question avec l’histoire de violence de notre pays.
    Hanyuma abanyeshuri ba kaminuza barakwiye formation civique approfondie kugira bibutswe leur devoir ,leur mission et pourquoi ils sont la,si uguharika ivyigwa kugakomye kose.
    Mes chers etudiants changer de comportement !!! C’est pour votre interet
    Que dieu vous benisse et vous illumine. Peace

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.