IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Janviere Ndirahisha:"Uburundi bwarateye intabwe mu kwigisha gusoma,kwandika (...)

Janviere Ndirahisha:"Uburundi bwarateye intabwe mu kwigisha gusoma,kwandika no guharura"

mardi 8 Nyakanga 2015

Umushikiranganji w’indero inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Janviere Ndirahisha,amenyesha ko Uburundi bwateye intambwe mu bijanye no kwigisha gusoma,kwandika no guharura.

Mu gihe uko umwaka utashe,amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kwigisha gusoma,kwandika no guharura,kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga,umushikiranganji w’indero avuga ko mu mwaka w’2000 gushika ku bice 59 kw’ijana aribo bari bamaze kumenya kwandika gusoma no guharura,mu gihe mu mwaka w’2010,ivyo biharuro vyari bigeze ku bice 67 kw’ijana.

Ubushikiranganjo bw’indero inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,busaba abanyagihugu gushiramwo inguvu mu bijanye n’inyigisho kuko ivyo Uburundi bwari bwiyemeje gushika ku bice 77 kw’ijana butabishitseko.

Uwo munsi wahimbajwe ku civugo : ukwigisha ni inkingi y’iterambere ry’imiryango.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.