Accueil > Amakuru > Poritike > Jérémie NGENDAKUMANA n’abandi Bagumyabanga birukanywe mu mugambwe
Jérémie NGENDAKUMANA n’abandi Bagumyabanga birukanywe mu mugambwe
samedi 11 Ndamukiza 2015, par
Abagumyabanga cumi na batanu mu bategetsi bakomeye mu mugambwe CNDD FDD no mu gihugu baheruka kwandikira umukuru w’igihugu bamusaba kudasubira kwitoza birukanywe muri uwo mugambwe. Abari bateye umukono kuri urwo rwandiko mu nyuma bagasaba ikigongwe bahagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu.
Mu bafatiwe ibihano vyo kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD harimwo Yeremiya NGENDAKUMANA yahoze arongoye uwo mugambwe, akaba n’umushingamateka mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.
- Umushingamateka Yeremiya NGENDAKUMANA
Melchior SIMBARUHIJE, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
- Melchior SIMBARUHIJE, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
Thadée SIRYUYUMUSI yahoze arongoye Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu, akaba aheruka gukurwa muri ayo mabanga.
- Thadée SIRYUYUMUSI yahoze arongoye Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu
Pampile MUDEREGA arongoye igisata kijejwe kwegeranya amafaranga yose y’imfashanyo zitangwa ku Burundi.
- Pampile MUDEREGA
Umushingamateka Festus NTANYUNGU arongoye ihuriro ryamaho ry’imigambwe (Forum Permanent des Partis Politiques)
- Umushingamateka Festus NTANYUNGU arongoye ihuriro ryamaho ry’imigambwe
Papien RUHOTORA, Pasteur BUCUMI, hamwe n’abandi.
Muri abo bagumyabanga bakomeye birukanywe mu mugambwe CNDD FDD, abateye umukono kuri urwo rwandiko mu nyuma bakandika basaba ikigongwe, bahagaritswe mu mugambwe mu kiringo c’amezi atandatu.






Egide Nduwimana
Messages
11 Ndamukiza 2015, 11:28, par Tubirabe
Ariko karaciye ingani abantu bisamburireko nk,impene none hasigaye mumugambwe wacu Imbonerakure zitazi niyobitaye umutwe ariko uwohanurwa nuwokumva.
11 Ndamukiza 2015, 11:32, par mahoro
Mbega munyumvira col jerazi asumvya iki col jeremie jerazi yaratuvugiye turi mwishamba munyuma baramukura vyamunsniye bashiraho col jeremie avugira urwego rwa gisirikare gushika gicanzwe uwo jerezi arakwiye kwibuka ko igihe twikorera ingwangwara nyabenda ntitwari kumwe raba namwe Rajabu yararongoye umugambwe ubu oy’ageze ntituhazi jeremie yaramusubiriye nawe ngaho bara safishije mbega niba hirukanywe abarwanye abatarwanye bizocura iki bagize imyiyerekano bavuga ngo turi umwe mbega barumwe nabande mbega udashoboye kuba umwe nuwo mwasangiye umugomozi uzoba umwe nabo baje gusana akazi abo mubarabire hafi nlumbure hazogera igohe nabo ivyabo bije ahabona.
11 Ndamukiza 2015, 12:20, par nkunzimana pierre
Murabo bose ntawumbabaje nka Papien RUHOTORA:Peter yamukuye aho yotsa inyama i ngozi none akakanya yarenzwe kweli ntibabeshe abahutu duhimba nabi
11 Ndamukiza 2015, 12:55, par juma Abdoul
Abo bose ntaho bataniye nabagenda ubumuga bwo mu mutwe bahawe ubuzima batakoreye baca bahimba ntacoyimena
11 Ndamukiza 2015, 13:26, par jérémie
cndd-fdd itikebutse igiye gushira kimwe nishire imbere umwumvikano.
11 Ndamukiza 2015, 13:53, par mahoro
Mbwirira nyabenda uti ingero ugereramwo ababanje kwicara kuriyo ntebe nawe abazogusubirira niyo bazokugereramwo bega bagumya banga murakenyeye umugambwe usigaremwo izo mbonerakure zifungura rimwe kumusi gusa zitazi gutandukanya ikibi niciza mbega twarwaniye umuntu kubera iki mwomva ko naka ariwe ashoboye gusa cagihe yari wenyene ntabandi bafashanije nawe gushika kukanyuma murakenyeye umugambwe usigaremwo abo bacangero baje gusaba akazi gusa turabashimiye kuvyiza muriko muratwereka .
11 Ndamukiza 2015, 14:51, par pafu
none imyaka mirongo twambaye ingata turwana ubu rero arabirukanye bose uwo mu civile nyabenda ahereje abo benewabo batazi n’inderama zo murufunzo!eeewe nkurunziza uraduhemukiye!nibaze ariko ntibazokoroherwa
11 Ndamukiza 2015, 16:59, par matwi
eeeeeh ni generation,iyo twaba tukiri mw’ishamba barikwicwa,barikwicwa.none bagir’Imana ko mumugambwe CNDD FDD hari demokarasi.
11 Ndamukiza 2015, 18:08, par nzomukunda Eric
Jewe ico novuga. Nyakubahwa umukuru w’igihugu ndamusaba ko yokwibuka ijambo yavuze mu gihe yariko ararahira harya mu kigobe.ngaca nibutsa abarundi bose ijambo petero nkurunziza yavuze.ngo uwuzotanguza intambara izotangurira iwe iherere iwe!ngaca nibutsa umuntu wese ariko aratoteza uwuriko aravuga ukuri yuko ubwatsi bukura bukabisa ubundi. Aho turi hari abandi.ivyo mugirira bagenzi banyu namwe bazobibagirira.ntimuzokwama ku butegetsi oya haba namba.
11 Ndamukiza 2015, 18:58, par MAHWABI
Hari umugani mu giswahiri baca ngo "vita ya panzi ni harusi ya kibombobombo" uwu mugambwe wacu murawusambuye basha!mbe murazi akamwemwe abakeba bafise?
11 Ndamukiza 2015, 19:14, par murundikazi
sinezerewe kubera bakuwe,cane cane abagwanye jewe birambabaza iyo batotejwe,ariko hari ibintu ntazopfa nibagiye mu buzima bwanje,ingene abanyagitega bahemukiye rajabu,abo ba onesime ,ba jean de dieu n’abandi nibo bakoranye baramuhemukira bitwaje abasirikare bakomeye b’i gitega,sha umuntu wese yubaha rajabu mu nyuma bafashwe nabi bimwe birenze urugero kandi bari barakoreye umugambwe hari nabo ingo zasambutse kubera kuwitangira ariko babagira ubusa,rero burya perezida nabure kwiyegereza abo bari kumwe ku rugamba rugitangura,nayo nk’abo biyita abize nibo bamye bamugambanira kuva kera,abanya gitega nimba bamukunze vuba je nzi neza ko bashatse kumukura kuva kera ngirango ntavyo yamenya,uyo jeremie asubiriye rajabu yaje ari pire,utabanje kuduza ijipo umugani w’abandi ntiwaronka akazi,yari umuntu w’inzigo n’akagayo,ntaco yobona!naze aje hamwe n’abandi babayeho uko nyene.Abo ba nzomukunda bakiva i bulaya bigira inzu z’amabuye,we utari umugore wavukiye mu muji yakuraba irarirari nkuko umengo we yari yahawe nuko yagwanye,icamushikanye harya twese turakizi nico cahamukuye,yibagiye ingene umupfasoni yigenza aja kugira ambiance mu mugamwe yibaza ngo ni boite de nuit,ararengegwa nawe atangura kurondera beaucoup plus kurusha abaraye mu myonga igihe yari i bulaya asambura ingo z’abandi ata mugabo numwe agera umutwe,nta na ka diplome yahakuye ariko mwabonye ivyo yakoze?Mwa bantu muri ku butegetsi,hari uburorero bwinshi buberekako ico gihugu ari isangi rya twese,muze muritonda ku bantu basanzwe mumaze kuja mu ma prados;kuko nta numwe yayakoze canke ngo ayavukane,aho ndabarahiye mwosanga hari n’abagore banezerewe kubera abagabo babo birukanywe kubera bashikayo bakabaraba nk’icimbwa yagaye,ariko ubu abo bagabo bagaruka kubaronderako kiremesha,murantunga ibibera mu mugambwe birabaje,bamwe bamwe mukome ,muzobeho uko twese tubayeho!Nyabenda nabandanye ahubwo aronderere mu banyagitega ,hinyegejemwo abajanja benshi abitwa ba gloriose hakizimana bagenda bahengekera iyo biri,ba rurimirije bo ntanuwovuga ivyabo ,umu manipulateur,un ventriote,abo bose mutabigije inyuma muracafise ingorane kuko ni bantamba aho bihiye bakwigarama ku musegonde,uyo rurimirije yari pfampfe na rajabu yamuhindutse ku munota ahubwo nibazako nawe ari mu bamutekeye umutwe,bandanya murondera musigaze abo muyaga mwumvikana akajagali gahere mu mugambwe!
11 Ndamukiza 2015, 20:46, par Ranac Inc
Jeremie na Festus. Karibu muri RANAC. Ihute kuko hasigaye iminsi 2 kugira turungike ama listes muri CENI. Jeremie— tuzogushira kuri liste y,i Muramvya kugira dutware amajwi y’aba DDs bemereye Concilia. Festus nawe tuzogushira mu ba conseillers communaux bo mu Kamenge kuko i Bururi haramaze gufatwa.
11 Ndamukiza 2015, 20:57, par Ndihokubwayo
Iryo tangazo rya Cndd-fdd rirateye ikigongwe nukuri! Ariko baca umugani mu kirundi, ngo uwushaka gusenya ugwiwe bamutiza umuhoro(serpe/machette)! Murambarira nimba Nyabenda Pascal na Sebuja wiwe bazoba bakibarizwa muri Cndd-Fdd mu mezi ari imbere?
11 Ndamukiza 2015, 21:51, par NTACOMPISHA
Emwe aba dd murihayibara! mbega kumugambwe wanyu muwumaze muwusambura. ejo ahobukera mugatsindwa mumatora. simwe bizoba vyavuyeko mbega iyonambu yubutegetsi mufise ituma mwiruka kumuntu wese wimvugakuri. ubwo mwibaza komuzotwara gushika aho yesu azogarukira kwisi ntimwishime ngomufise abajenero. wewe pascal nyabenda hamwe nabo mufatanije umugambi ugayitse woguturatuza izomvugakuri mumenyeko uguhora arukwimana. hazogera igihe namwe muzoturatura igihano cimana kibashitseko kubera amabi mwakoze>>
12 Ndamukiza 2015, 00:46, par bob
Ewe ntacompisha,abo bakuwe ntiwibaze ngo botuma umugambwe utsindwa,habe na gato,wibazako abanyagihugu batanga amajwi i muramvya bazoyaha rwasa ngo nuko jeremie yakuwe,habe namba kuko ivyo abo hejuru bapfa bo ntaco bibabwira,nuyo jeremie ntawe bazi,wibaza ngo yaruruka jeep ngo abaramutse agiye gufata akayaga,mais non,rero bo hari ikndi barondera iyo batanga amajwi,uri umutegetsi bakagukura ahubwo uca uhora ntuzoje kubaririra,famille yawe gusa,abo nabo ntibakwiye,rero ivyo biriko biraba ntibituma umugambwe usambuka ni benshi baca bafata ivyo bibanza!Ahubwo perezida nabananye yiyegereze abo bavugarumwe atari abacangero gusa,bafise imigambi imwe!
12 Ndamukiza 2015, 02:21, par Ntiwihebure
Ivyo ntaco bitwaye kinini, usivye ko baha akaryo démocratie gutera iyindi ntabwe. Wawundi ati umuriro waka uja iyo ubwatsi buri, none ko ariwo mugambwe wari usigaye kugira nyakuri wonyene iyindi yose bayisambuye, mwagira ngo abasambuzi baca bicara. Aho basambura iyindi mwakoma amashi mukagira ngo ntibibaraba.
Ico nshimye nuko ingingo zose bazandika mukirundi, kandi baca bamenyesha n’intara umuntu avamwo.
Ariko none, ko ata munyengozi numwe arimwo?
Ndavye neza nsanga benshi murabo ari abakurikira nk’intama, iMuramvya bakurikiye yeremiya Ngendakumana hoho ngira nta n’umwe asigaye muruwo mugambwe.
Ntakinini bitwaye kandi kuko muri barya birukanywe sibenshi bokwitoje, uburenganzira batswe bahabwa n’umugambwe nabwo gutora ntibirimwo, bivuga ko ari amajwi afashe iyindi nzira gusa, ariko agumye ari amajwi azotahira umwe mubabatumye. Atsinze izo ngingo ntaco zizoba zikivuze.
12 Ndamukiza 2015, 08:01, par wenga enock
Hahubwo nabandi nohanura murakwiye kuwuvamwo kuko ntakawoza uwomugabwe ubafitiye ataruko adorofe nA pita na kazungu na bunyoni bagiye gutamba mumpimba kuvyaha vyobwicanyi bakoreye abarundi ikindi naco cnd igifutwa burundu
12 Ndamukiza 2015, 21:15, par mahoro
Ndatangajwe nuyu bob mbega murabo wise abacangero kobona washimikiye kuri jeremie niwe uriko uravugs canke uvuga abandi? Nagomba ndakubwire ko aba cangero arabo ba nyabenda razaro na joseph bobo igihe twarya umugomozi bari iburaya birira ikate nayo jeremie nibaza ko wa mwihenzeko kwisi yose iyo umuntu stowe ngarongore abandi yama yitwararika abamutanguriye kwicara kuriyo ntebe none unomusi ko numva uvuga nkaho ukunda ugambwe wibaza ksxoza kawo gasa gute twara buke umugambwe ntabwo witwa piter kandi mumyaka twamaze ntitwarwanira umuntu twarwanira intwaro rusangi atari ukwumirako nkikibugu.
12 Ndamukiza 2015, 22:40, par iyumenya
Uhagaritswe amezi 6,uhagaritsw amezi 12 vyose nikimwe no kwirukanwa mu mugambwe.Ivyemezo bizofatwa mu mezi 6 canke mu mezi 12 uhagaze ntanakimwe uzohindura witwa kuri mugihano nta jambo uzoba ufise.Abarundi benshi muri bansumirinda,gusinyura wari warasinye bimaze iki nubundi baguhaye igihano? Abasinyuye baravye inyungu zabo gusa,ntibaravye inyungu z’igihugu niz’abarundi n’akarere muri rusangi.
12 Ndamukiza 2015, 23:17, par RUBERINTWARI Ernest-daglas
Umugabo yama apfa nkumugabo wopfuma wemera ugapfa urumworo aho kwemera kuba imbohe yivyiyumviro atarivyo ukubijinyuma witwa MPEMUKE NDAMUKE ndashimiy cane abo biyerekanye kwari abagabo. Ndaneguy can bimwe bibi uwasinye agasinyura nubwo woterwa ubwoba gute wokxemera ugahagarara rugabo kungingo wafashe mugihe ubona kuri mukuri NUBWO WOBA UBONA INGERAMIZI ZIDASANZWE IMBERE YAWE
13 Ndamukiza 2015, 00:37, par bob
@mahoro
jewe ntakubesha,ndababazwa n’umuntu yagwanye bakamuhemukira na jérémie nuko,ariko nawe yarafashe nabi abandi,ico nashatse kuvuga nuko mu mugambwe hari benshi bawumva kandi bashobora gutuma udatituka,urabona ingorane nuko abanyamuramvya babaye penalisé ari benshi kurusha abandi kandi uwovyitondera wosanga ari murivyo,baramukurikiye kubera icubahiro bamuha nawe yashaka inyungu ziwe,le problème,none abanyamuramvya twokwibazako bazoca bawuheba kubera jeremie n’abandi,niho ivyacu vyugariye,bo ntibashaka uwubasubiza mu mwonga,rero kurya kuntu bashize mu bansi ingorane,si vyiza,kuko urabona ya maradio yabo aca ajuragiza abagumyabanga,biciye mu bwitonzi bobitorera umuti,nayo Jeremie niwe nafashe kubera abanyamuramvya bahanywe kuberawe,ikindi nawe yarafashe nabi abari bashigikiye radjabu,vyagenze uku nyene,signature et limogeage,rero politique ntiyorshe ,bose ni iyo menya,na nyabenda azohava!
8
13 Ndamukiza 2015, 08:33, par bob
@ruberintwari
ivyacu biragoye,jewe nibazako abo basinye bagasinyura,hari abatari bazi ico bakora,surtout nkabakurikira ababahaye cà d abatumye begera imbere,abo rero kenshi bapfa gukurikira ivyo babwiwe,bagahinyura ko bahenzwe mu nyuma bamaze kubonako uwabategetse ivyo bintu afise inyungu ziwe arondera,jewe rero mbona atari bibi gusinyura,kandi burya basha tureke guhendana,iyumvire umuntu afise abana,agata akazi,mwibazako vyoroshe?,iyo biri ku bandi umwe wese avuga ngo ni ugupfa rugabo hanyuma waraba ntanuwukuraba wishwe n’inzara,ariko nanje hari akagani nahora numvana mama ngo UBUJAKUZIMU SI UBUFATANA MENDE,bisigurako iyo mubonye mugiye kwicwa,umwe wese acungura agatwe kiwe.
13 Ndamukiza 2015, 14:10, par evariste
Ariko ga yemwe, imyaka twamaze turwana, abo birukanywe tukaba twari kumwe mw’ishamba, bamwe bakaba barakuye ubumuga novuga nka Léonidas ubu ukuboko kwiwe kwahasigaye akirukanwa mu mugabwe n’umu civil atazi ingane twatanguye n’ingene twaharuhiye. Ikosore musubize hamwe
13 Ndamukiza 2015, 18:15, par nduwimana
UMUGAMBWE CNDDFDD NIWE MUGAMBWE KUKO NTIWISEMBEREZA HAZA UWUSHAKA.
JEREMIE KALIBU MURI FNL ARIKO LISTE NTUKORAKO KUKO URAZI KO WADUTOTEJE URABIZI...!IKINDI NACO RAJABU NAWE NTUMWEGERA KUKO WARAMUTOTEJE URABIZI...!NONE UBAYE UWANDE....WAHENZWE NANDE...!MBEGA URAZI KO WARI ELIGIBLE GUSERUKIRA UMUGAMBWE ARIKO WAHENZWE NAKANTU GATO......!SAWA JEWE MVUKA AHA HAFI YAWE ARIKO TWESE AHA MU MICUNGARARO URATUMARAMAJE!NTUZIGARUKE........!
14 Ndamukiza 2015, 10:04, par LOLOLO
Pasikali Nyabenda afise intumbero yo gusambura umugambwe CNDD-FDD. Ku batabizi, bomenya ko yinjiye mu mugambwe CNDD-FDD ari uko buhiye, inyuma y’amatora ya 2005.
Ahejeje kuwusambura azoca yisubirira iyo yaje ava.
14 Ndamukiza 2015, 16:51, par nijipis
pascal nyabenda akwiye umuganga amushiramwo umutima wumuntu muzima akamukuramwo uwigikoko kuko nuwumvise ivyavuga arumva ko yapfuye kera abura imva.je nomucira uwumugani "ntuzotwenge amakuba yamukaso utazi ayishe nyoko"
14 Ndamukiza 2015, 21:53, par MARC
NGO INDA NDENDE IHUMIR’INRYA ikica akokize. ABO BATEGETSI BADASHAKA KWUMVA NO KWUMVIRIZA IMPANURO ZA BAGENZI BABO, ARIKO BAKABITA BA BAKEBA,MAZE BAKAMMARA UMWANYA BABAKURA MU MUGAMBWE, EMWE BARIKO BASHIRA MU NGIRA ICO UWO MUGANI UVUGA. MBE GA YEMWE HARI UMUNTU NUMWE YANSE IMPANURO.CANKE IMPANURO WOZUMVIRIZA HOHO UKIHORERA HARI ICO, UGAFUMA USIGURIRA UWUZIGUHAYE IMPAMVU UBONA IBINTU UKUNDI MAZE AKAKWUMVA. UMUNTU WESE ATAGIRA GIHANURA AHERUKIRA GUKORA IBIMUHINDUKA.
17 Ndamukiza 2015, 10:58, par mahohoro
Nosaba abantu biyizi jo ari aba zuru gukurikiranira hafi ibiriko biraba mumugambwe wacu hanyuma ntitwigire ba sindabibazwa kuko abobacangere bitwa ngo barongoye umugambwe nibaheza gufuta abobose twagendanye ikizoba gisigaye nukutwomora canke kutumarira mubusho rero kwakundi twagira ama desande tuja gukundisha umugambwe abari basanzwe mugihugu nubu tubegere tubasigurira ibiriko biraba noneho bamenye ingene boshimira ababakoreye neza bakanagayira abo bampemuke ndamuke bariko bakinda kumurango mugutoteza abarwaniye umugambwe mbere tunasabe abawu hozemwo bose ko bowugarukamwo barajabu abo ba Jeremie Leonidas nabandi
28 Ndamukiza 2015, 07:25, par Tuyisenge
Ivy Oya 6vy!