IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kamenge: Abaririmvyi barateramishije abakunzi babo ku bunywero « Iwabo (...)

Kamenge: Abaririmvyi barateramishije abakunzi babo ku bunywero « Iwabo w’abasigaye»

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2013, ku bunywero bwitwa« Iwabo w’abasigaye» buri mu Kamenge harabeye igiteramo c’abaririmvyi batandukanye b’i Bujumbura aha twovuga nka Rally-joe, Black-G, Miss arlaine na Generator bidondo.

Ico giteramo catanguye isaha zibiri z’ijoro, aho vyaboneka ko abantu bari baje kwiyumviririza indirimbo ndetse no gutamba umuziki mu ntumbero yo kuryoherwa no gutangura weekend neza.

JPEG - 52.4 ko

Muri rusangi ibintu vyari bimeze neza kuko abantu bari bavyitavye kandi n’abaririmvyi bari bafise umunezero wo gutangurana n’abakunzi babo weekend.

Kubwa nyene ubwo bunwero, iyo abiteguye gutyo aba afise intumbero yo kunezereza abaza guteramira mu bunywero bwiwe ndetse akaba ariko ararondera ingene ibidandazwa vyiwe vyosohoka kuko abaje mu giteramo nk’ico batamba ariko batibagiye n’ico banwa canke bafungura kugirango babandanye kuronka inguvu no kuryoherwa muri weekend.

JPEG - 51.3 ko

Abari baje kunywera muri ubo bunyero batubwiye ko bo Miss arlaine atari kuririmba agashiramwo indirimbo ziwe agatamba kuko arabishoboye cane mu gihe asanzwe azi gususurutsa abantu kubera ukwitanga n’ubuhinga akoresha mu gutamba.

Black-G we naho atoshiramwo umuziki akabaririmbira boryoherwa kubera ubuhinga buri mw’ijwi akoresha, Rally –joe we kuba adafise ubwoba imbere y’ababa baje mu giteramo biramubereye cane, Bidondo nawe umudiho wiwe urakundwa cane mu kabare, abari ngaho basaba ko bokwama bamutumiye aze guteramisha abantu.

Igiteramo caheze mu gatondo,ariko iyo umuririmvyi ahejeje kuririmba yaca ataha .


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.