IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza "Université Espoir d’Afrique" iramutswa umuyobozi mushasha

Kaminuza "Université Espoir d’Afrique" iramutswa umuyobozi mushasha

lundi 19 Nzero 2015

Sylvain Nzohabonayo niwe aramutswa Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika kuva kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2015. Uwo aheruka gushingwa ayo mabanga yasubiriye mu kibanza cahoramwo Docteur Gerald E. Bates yaheruka kurangiza ikiringo ciwe c’imyaka ibiri.

JPEG - 26 ko
Sylvain Nzohabonayo aramutswa Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika

Urwego nshingwantwaro rwa Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika (Université Espoir d’Afrique) rwafashe ingingo y’ukugena Sylvain Nzohabonayo mu mabanga y’ubuyobozi (Recteur) bw’iyo Kaminuza.
Sylvain Nzohabonayo yahora ari umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba yubakanye na Linnet Kasaya, bafitaniye abana babiri aribo Brave na Daniella.

JPEG - 152.4 ko
Sylvain Nzohabonayo, n’umuryango wiwe

Ido n’ido ry’ubuzima bw’uwo muyobozi wa Kaminuza (Université Espoir d’Afrique) Sylvain Nzohabonayo, imigambi yiwe n’ibindi, ni mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.