IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Karori Nditije: "Reta yashinzwe ni Reta y’icaduka"

Karori Nditije: "Reta yashinzwe ni Reta y’icaduka"

mercredi 26 Myandagaro 2015

Karori Nditije arongoye ishami rimwe ry’umugambwe UPRONA ,akaba n’icegera c’umukuru w’urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko batemera Reta nshasha yashinzwe n’umukuru w’igihugu, kuwa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.

Karori Nditije amenyesha ko mu bashikiranganji 5 bavuye mu runanu rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,hari bamwe bazi n’abandi batazi kandi ko mu bisanzwe kubwabo bisa nuko igikorwa co gushinga Reta atacabaye.

Kubwa Karori Nditije,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,umugambwe CNDD FDD n’abo bacuditse babandanya guhonyanga amategeko nk’ibwirizwa nshingiro ,amasezerano ya Arusha n’ayandi mabwirizwa,gukengera abarundi,akarere n’amakungu.

Karori Nditije amenyesha ko Reta yashinzwe n’umukuru w’igihugu itakurikije amategeko guhera ku cegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuko ingingo ya 129 ivuga ko uwuja muri Reta ategerezwa kuba yaronse amajwi 5 kw’ijana,umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira ukaba waronse amajwi 2 arenga gato kw’ijana.

Karori Nditije ati :"Reta yashinzwe ni Reta y’icaduka kuko ata matora araba,kandi n’ayabaye ivyavuyemwo ntituvyemera."

Karori Nditije asaba ko hoba ibiganiro bihuriyemwo abarundi bose,imigambwe yose n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,kugira baganire uko boshinga Reta nfatakibanza yumvikanyweko na bose,iyo nayo igategura amatora yumvikanyweko na bose kandi azana amahoro n’iterambere.

Reta yashinzwe igizwe n’abashikiranagnji 20,15 bava mu mugambwe CNDD FDD 5 nabo bava mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nditij ivyavuga abivuga nkande kumukuru wugo runani atwagwamwo yavyemeye, atavyemeye nawe nashing runani gwawe. Mwari muzik gwasa agasinziriye kuva 2010? Igiti ntikigukora mujisho kabiri yarabahinyuye

  • UMUNTU WESE ASHOBOYE KUGIRA ICO AKOZE YOGIKORA.KUKO ABARUNDI ISINZI BAZI KO KUVA EJO MUGATONDO LE27.08.2015 ATABATWARE IGIHUGU GIFISE.KUVA KURI PRESIDENT GUSHIKA KURI SECTEUR.MUGIHUGU EJO NI AKAJAGARI.

  • KARORI IVYO AVUGA NUBUTAMA BUBIMUTERA KUKO UMUNTU IYO ASHAJE NTAMENYA NIVYABAYE NONE KOYAVUZE NGO NTIBAJE MUMATORA BARETSE KUYAJAMWO ATABAYE?

  • wewe rindira iyo leta nfatakibanza uragenda mumubirigi uyitwarireyo rindira imyaka itanu hama ibisigaye ninyuma ya 2020

  • EWE NDITIJ UTEYAKAGONGWE,ngoreta yashinzwe nicaduka.uyundi mwanya ngurongoye,abadasigana ,wobusigaye witwa kosiriya nibigira wahinduy izina ryari? ahandi naho ngurimumizezero kobayamaze ngwinzira zibiri zananiy ifyisi wewe ugirubuwambere mukuziciramwo rimwe?teshwa mute twarabahinyuye kuko ejonaho uzobugeze muri cenrd wewe ukushaje nivyiyunviro vyawe birashaje ugeze muzabukuru kukuruka

  • Izo nda zanyu zidahaga nizo zituma muguma muteza amarushwa abarundi. Nk’ivyo avuga wumva bifise isano irihe n’ibiriko biraba? Ko mbona abagenywe bariko barakora! Ni mupfume murindira 2020 nayo ivy’ubu vyo vyabasize. Ntaco muba mwizigira abanyamahanga, ni murabe ivyo mushoboye mubikore. Ahandi ho muzokwama mu bwira ntibuce.

  • Izo nda zanyu zidahaga nizo zituma muguma muteza amarushwa abarundi. Nk’ivyo avuga wumva bifise isano irihe n’ibiriko biraba? Ko mbona abagenywe bariko barakora! Ni mupfume murindira 2020 nayo ivy’ubu vyo vyabasize. Ntaco muba mwizigira abanyamahanga, ni murabe ivyo mushoboye mubikore. Ahandi ho muzokwama mu bwira ntibuce.

  • Nditije ivyo avuga nivyo nta reta irimwo BUNYONI nokwizera,gusa nuko Uburundi n,abarundi tuguma tuzira indyane zabanye politique atakindi zizana atari gupondapooda wa munyagihugu yugarijwe n,ubukene,inzara n,indwara,mbe banye politique ubwo muraraba aho igihugu muriko mukijana?

  • komera.nimweduhanzamaso turarushepe.

  • nditije wewe uma wisabira leta mfatakibanza abandi nabo bari mu rugendo bavyita gutumwanya kumuntu wincabwenge nka wewe wotuma vyose uvyihoza ukabandanya kwiyigishiriza.aha wokwinjira mu ki dd wonaronka na ens

  • Wibazako arimwe mubona ukuri gusumba abandi?Reka abarundi bibere mumahoro.atari ukuzura akaboz mwotekereza.

  • NIMUMUREKE.KAROKI.NDITEJE.NUMUSAJI.IYORETANISAWA ABANYAGIHUGUBESHI?.BARAYISHIMA.KOMERAMUTAMA

  • IMANA idudashe abarundi’tubone amahoro nama framga.

  • Abantu badada 4% atidushaka reta mfatakibanza, abababa 95% birondereye reta babicishije mukwitorera indongozi. Mubona ibintubidasobanutse?

  • ti mwaranyawe inkona yaracakiye ntabwizongera kurekura

  • KOMERA MUTAMA NDITIJE WEWE NEUMVA UKIRANGWA N’UBUSHINGANTAHE NTURI NKABARYA BAHAYE BAHEMUKA MUKWIYONJORORA KUVYO BARI BAREMERANIJE N’ABO BASANGIYE URUGAMBA NKA BARI BARAVUZE NGO NTIBAZOGENDA BEMEYE KUGIRA MUKWAHA KWA CNDD FDD, KERA BAMYE BAVUGA NGO AMASEZERANO YA ARUSHA NGO YARI AYINDA UBU NAHO IVYO BOBO BAKOZE MUKUJA MWIYI LETA BIRENZE AMASEZERANO Y’INDA NUKUJA MUKWAHA MUGA UBU HOHO BEMEYE KUJA MUNYO! BURYA UMUGABO WUKURI NI UYO YAMA YIYEMERA AKABA INDEFECTIBLE ET INCORRUPTIBLE MUGA NI UBURENGANZIRA BWABO REKA TURORERE KUKO NA JACQUE BIGIRIMANA MINANI NABANDI BARABIGERAGEJE MUGA NTAHO VYABASHIKANYE BURYA NGO AKANANIYE UMUGABO KANANIRA NUYUNDI A BON ENTENDEUS SALUT!

  • Burya Abanyapolitike Barakwiy Guhindur Ingendo.Urumv Ingen Nditij Mukanwa Kiw Havamwo Ibinyoma Gusa!Ahusanga Yiyit Umushinga,narirya Abaprona Bos Bigiz (Abashingantah)naho Bitabujijko Igihugu Kigwa Mumanga,aribobagitayeyo.Iyohatabonek Abagabo Karikabay.Nubu Abobagabo Turabashimira.Komera Batama,mutungany Nizind Nzego.

  • NGIRA NUKO UTABAYEMWO REKA HABAGAHENGWE TURARUSHE!

  • Namaramare Neza Abarundi Ntanta Mbaratugomba Nareke Gufuhira Abemeye Kujamurireta Naweabike Neyenabivugebamuhe Bitaruzura Ahandiho Amasoyibikerentabuza Abavoma Injiranyabunamukibironka Muduhamahoroooooo

  • NONE KOMUGWANYARETA MWIBEREYEHANZE NIMUZE IVYOMUVUGA MUBIVUGIRE IWANYU NIMUREKEKUDUHENDANGOHARIHIBIZOBA TWARABAHINYUYE NAMWENIMWISHIKANE MUREKUGUTERUBWOBA ABANYAGIHUGU TWIBERE MUMAHORO NIMUMUVEKO YARABANANIYE MBERE MUSUBIRIYE KUJAKWIRADIYO KUVUGA IVYOMUDASHITSA BABAFUNGE

  • NIMUREKE BASHA UBURUNDI N’ABARUNDI TWIBERE MUMAHORO MUHARIRE KUBINTU MUTAVUKANYE VYASHIRIWEHO N’IMANA NAMWE MUCE MUBIHONYANGA MURUMVA IRYA NDITIJE SHA EEH!!

  • Emutama washaje nabi ntaninsoni ufise Kumaso iyo UPRONA ishami urongoye akahise kayo turakazi nikabi kuva 1965,72,78,93 teshwa ute muzorinda mupfa mudasubiye gutwara Haba kumatora na kuri kudeta ndakurahiye nivyo biganiro uriko urarondererako infata kibanza ntabutegesti uriko urabona. Jewe ndu muprona mugabo nshigikiye Nyakubahwa Concilie dushigikiye ukuri na mahoro twitandukanije namwe kumvo nyinshi za macakubiri ya moko intara nibindi mwashaka mwanka mwoshira hintahe yashize tugasangira igihugu imyaka itanu simyinshi!! mwidoga mucurintimba tuzosubira mu 2020 bayi bayi

  • nditije erega nimumumenye uwariwe nditije yarasaze numusazi. kuva kwitariki 12/7/2015 ntakwije rero ibimuvamwo sivyo kandi siwe. nikibazo co mumutwe. ndasavye abarundi mwese ahomuri hose dufatane munda.

  • WARUKWIYE KUMVA MUBARUNDI KUGIRANGO NTUBANDIZE UWOMUTIMA MUBI WAWE TURAZI MWEBWE KUVAKERA NTAKINDI KIBAGENZA ATARINDA NDENDE YANYU YOGUSAHURA ITUNGA RYABANYAGIHUGU

  • Ntareta Nfatakibanza,dukeneye,kuko Abanyaporitic Bagwanyareta,baraduhenze Bavamumatora, Uburero Nibareke Uwatowe Aserukiruburundi. Uburero Badashakako Vyosebavyica,nibatureke Twironderere Iterambere,na Kagame Aracakeneye Gutwara,ntabihugu Bibiri Bihanimbibe Vyotwagwa Na Batutsi Gusa!

  • Rastaman kuvuga ngo abanyepolitique baze kandi ntamutekano bafise, urashaka ngo babamarire kuvyuma? mbega abatabonye amahirwe yo kwambuka ngo bahunge ntubona ko babamaze! akarorero urya munyepolitique wa FNL YA RWASA AGATHO wo mwisare murushubi, Mbega ko banamwishe kandi RWASA yaraje muriyo leta?,, ico nikibazo wokwibaza imbere yo guhamagarira abantu kurisongoye, ariko imana irahari, izotabara inzirakarengane.

  • turiyamirij iyo reta twes abarundi .

  • karori muvyeyi komera kumuheto abarundi twese turinyuma yawe abarundi dukeneye uburundi burangwa mwamahoro namahonda

  • ndamushigkiy ntarira busema

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.