Karusi : Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU akwije iminsi ine mw’ibohero

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 Myandagaro 2016 saa 04:47
Yasomwe : 19566
0 0

Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Karusi apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Karusi kuva ku munsi wa gatandatu. Ubutungane bwamvumvirije kuri uwu wa kabiri, ariko akaba yaciye asubizwa mw’ibohero.
Séverin Ntirugayimvo, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Karusi yumvirijwe n’umushikirizamanza w’iyo ntara, inyuma y’iminsi ine yari amaze ari mw’ibohero, yagirizwa gutyoza Musitanteri wa komine Nyabikere iri mu ntara ya Karusi nyene, hamwe n’uguhungabanya umutekano (...)

Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Karusi apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Karusi kuva ku munsi wa gatandatu. Ubutungane bwamvumvirije kuri uwu wa kabiri, ariko akaba yaciye asubizwa mw’ibohero.

Séverin Ntirugayimvo, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Karusi yumvirijwe n’umushikirizamanza w’iyo ntara, inyuma y’iminsi ine yari amaze ari mw’ibohero, yagirizwa gutyoza Musitanteri wa komine Nyabikere iri mu ntara ya Karusi nyene, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.

N’aho uwo mukuru w’umugambwe yagirizwa gutyoza Musitanteri hamwe n’ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ayandi makuru ava muri iyo ntara avuga ko yoba ariko azira ko yashize ahabona ubunyonyezi n’ugusesagura amatunga ya Komine kwoba kwakozwe na Léonidas Nakumuryango, Musitanteri wa komine Nyabikere.


Kumenyekanisha

1
SYLVESTRE 21-08-2016 à 14:12

HA!BIRAGOYE.HO GUTOHOZA NGOBARABE KO IVYO YAVUZE KO ARI VYO,BIHUTIRA GUHANA?

2
Thierry 18-08-2016 à 05:34

ASANFWA YAKOZE AMAKOSA BARAMU FUNFUNGA NAHO NIMBA ATAMAKOSA NITIHANGANE NA YESU YARIHANGANTE KANDI YARANESHEJE

3
Thierry 18-08-2016 à 05:33

ASANFWA YAKOZE AMAKOSA BARAMU FUNFUNGA NAHO NIMBA ATAMAKOSA NITIHANGANE NA YESU YARIHANGANTE KANDI YARANESHEJE

4
Thierry 18-08-2016 à 05:33

ASANFWA YAKOZE AMAKOSA BARAMU FUNFUNGA NAHO NIMBA ATAMAKOSA NITIHANGANE NA YESU YARIHANGANTE KANDI YARANESHEJE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha