Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Kim Kardashian arahirira "umukundanya" Kanye West
Kim Kardashian arahirira "umukundanya" Kanye West
jeudi 31 Gitugutu 2013
Kim Kardashian ntahengeshanya kwiyerekana ubwiza bwiwe kuva aho yibaruki haraciye igihe gito, ivyo vyose ni mu ntumbero yo kugumya Kanye West, amugumizeko urukundo.
Kim rero akaba yatanze amasanamu yiwe ari mu gahuzu ko musi,nawe nyene ariko ariraba ubw’inyuma. Ubu akora ijoro n’umurango kugira ubwiza yari afise imbere y’uko yibaruka bugaruke na cane cane asubire atere akavyi Kanye West.

Uyo muvyeyi w’umwana yitwa North West asa n’uwizeye ko ubwiza bwiwe bugiye kugaruka aravye imfungurwa afata, kenshi ndetse akemera n’ukwiyicisha inzara kugira agabanuke. Ubu akaba yigaragaje yiyambariye agahuzu kamufata cane ubw’inyuma, agahuzu ko bajana kwoga mu mazi kugira West asubire arabe atomuhemukira.
Uyo mupfasoni w’imyaka 32 akaba arara ararota Kanye West w’imyaka 36, naho yabariye abagenzi biwe ko naho umushatsi womera ku menyo atarota abana na Kim Kardashian, amufata nk’umugenzi bisanzwe.



Chérif NKeshimana
Messages
31 Gitugutu 2013, 10:53, par john
aaaahhhhhhhhhhh!!! mbega ibisusu!!!
1er Munyonyo 2013, 05:42, par willy
Hari amakuru avuga ko kanye west yatinze aremera arubakana na kim