IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Inzego nshasha z’umugambwe UPRONA ziyamirijwe

Kirundo : Inzego nshasha z’umugambwe UPRONA ziyamirijwe

lundi 1er Nyakanga 2014

Mu batowe mu ntara ya Kirundo kugira basubirire abahahora mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, bamwe muri bo bivugwa ko bari mu mugambwe CNDD-FDD nk’uko bivugwa n’umushingamateka Ryahama Pasteur yatowe muri iyo ntara ya Kirundo.

Ivyo, uwo mushingamateka akaba yabivuze, mu gihe mu ntara ya Kirundo Abadasigana bashigikiye Karori Nditije bankiwe kwitaba inama, ndetse bakanakubagurwa n’umukuru w’igiporisi aho mu Kirundo. Muri abo bakubaguwe, harimwo umukuru w’uyo mugambwe asanzwe ayoboka Karori Nditije, aho uwo yakubiswe avuga ko agiye kwitura ubutungane. Muri iyo nama yari yitabwe n’abashigikiye Concilie Nibigira, umwunganizi w’umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Jean Claude Hatungimana akaba ariwe yatowe, kugira arongore uyo mugambwe, haca harashirwaho n’umurwi w’abazomufasha kurongora uwo mugambwe muri iyo ntara.

Abandi batowe kugira bafashe Jean Claude Hatungimana kurongora UPRONA bakaba ari abazorongora UPRONA mu makomine agize iyo ntara ya Kirundo. Ivyo vy’ugutora abazorongora abandi muri UPRONA, bikaba bimaze iminsi vyiyamirizwa n’abashigikiye umushingamateka Karori Nditije, mu gihe bavuga ko biba hadakurikijwe amategeko, ndetse abo kwa Concilie Nibigira bakagirizwa kwifashisha igiporisi mu kubatoteza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.