Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Inzego nshasha z’umugambwe UPRONA ziyamirijwe
Kirundo : Inzego nshasha z’umugambwe UPRONA ziyamirijwe
lundi 1er Nyakanga 2014
Mu batowe mu ntara ya Kirundo kugira basubirire abahahora mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, bamwe muri bo bivugwa ko bari mu mugambwe CNDD-FDD nk’uko bivugwa n’umushingamateka Ryahama Pasteur yatowe muri iyo ntara ya Kirundo.
Ivyo, uwo mushingamateka akaba yabivuze, mu gihe mu ntara ya Kirundo Abadasigana bashigikiye Karori Nditije bankiwe kwitaba inama, ndetse bakanakubagurwa n’umukuru w’igiporisi aho mu Kirundo. Muri abo bakubaguwe, harimwo umukuru w’uyo mugambwe asanzwe ayoboka Karori Nditije, aho uwo yakubiswe avuga ko agiye kwitura ubutungane. Muri iyo nama yari yitabwe n’abashigikiye Concilie Nibigira, umwunganizi w’umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Jean Claude Hatungimana akaba ariwe yatowe, kugira arongore uyo mugambwe, haca harashirwaho n’umurwi w’abazomufasha kurongora uwo mugambwe muri iyo ntara.
Abandi batowe kugira bafashe Jean Claude Hatungimana kurongora UPRONA bakaba ari abazorongora UPRONA mu makomine agize iyo ntara ya Kirundo. Ivyo vy’ugutora abazorongora abandi muri UPRONA, bikaba bimaze iminsi vyiyamirizwa n’abashigikiye umushingamateka Karori Nditije, mu gihe bavuga ko biba hadakurikijwe amategeko, ndetse abo kwa Concilie Nibigira bakagirizwa kwifashisha igiporisi mu kubatoteza.
Aristide Nizigire