Accueil > Amakuru > Poritike > Komite nkuru y’umugambwe UPRONA nayo yarungikiye amazina umukuru (...)
Komite nkuru y’umugambwe UPRONA nayo yarungikiye amazina umukuru w’igihugu
jeudi 13 Ruhuhuma 2014
N’aho mu biro vy’umukuru w’igihugu batashimye kumenyesha abatanze amazina yahawe umukuru w’igihugu kugira atoremwo uwosubira mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’abasubirira abashikiranganji batatu batanze imihoho, ntivyabujije ko komite nkuru y’umugambwe UPRONA ishikiriza amazina y’abotorwamwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Bernard Busokoza, Yves Sahinguvu, Gasutwa Bonaventure , ayo niyo mazina yarungikiwe umukuru w’igihugu.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo, Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu ntiyashoboye gutomora, mu kuvuga uwarungikiye amazina umukuru w’igihugu kuva ku munsi w’ejo kuwa gatatu. N’aho biri ukwo, komite nkuru y’umugambwe UPRONA, kuri uwu wa kane yashize ahabona amazina y’abotorwamwo icegera c’umukuru w’igihugu. Mw’ikete barungikiye umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza, Yves Sahinguvu, Gasutwa Bonaventure nibo umugambwe UPRONA wizeye kugira umwe muribo awuserukire muri Reta.
Karori Nditije yamenyesheje ko umukuru w’igihugu niyamara kwemeza izina rimwe muri ayo atatu, uwuzoba yatowe azoca akorana na komite nkuru y’umugambwe UPRONA kugira baheze batange amazina atatu nayo y’abazosubira mu bibanza vy’abashikiranganji batatu bari batanze imihoho muri Reta ya Nkurunziza.
Karori Nditije yasiguye ko badashobora kurungika amazina y’abashikiranganji kandi n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ataratorwa. Nk’uko yabimenyesheje, ingingo y’108 yo mw’ibwirizwa shingiro ivuga ko umukuru w’igihugu agena abashikiranganji yabanje kuja inama n’ivyegera vyiwe bibiri, ari naco gituma babanje kurindira Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yemeze umwe mu mazina atatu bamurungikiye.
Abo komite nkuru y’umugambwe UPRONA yarungikiye umukuru w’igihugu ni :
- Major Busokoza Bernard
- Docteur Yves Sahinguvu
- Gasutwa Bonaventure
Egide Nduwimana
Messages
13 Ruhuhuma 2014, 13:36, par Alain
Abo bashingantahe ndabemera.Hanyuma uyo mushikiranganji NDUWIMANA yihindukiza nkiki kuko sinamenyereye gutukana narikumubwira nabi.Conciliya we ryabike ntute ubwoko.Ubuntu burakenewe.nagira nsubire kwibutsa NDUWIMANA ko atazosazira kubutegetsi ntashamba yagiye mwo na Hussein Radjabu baramutaye mu mvuto ariwe basangira akabisi nagahiye.Abadasigana namwe mugire urunani rwintamenwa abo basumurinda nibabavemwo.
13 Ruhuhuma 2014, 13:38, par Paty
Nivyiza ko batanze amazina ngo umukuru w’igihugu ngo ahitimwo! Ariko ntawubizi ko ahava ahitamwo murayo kuko abo bagabo bose bavuga rumwe kandi ugerageje uraba ivya politique,président ashaka umuntu ari different ya Busokoza!
13 Ruhuhuma 2014, 13:42, par yemwe
Ivya UPRONA namayobera...........twizera uyuhe?
13 Ruhuhuma 2014, 14:19, par kamwenubusa
Hinga sasa turabe ico petero yisiguramwo, ariko ndanibaza amazina yatanzwe na SUMIRINDA alias Concilia bica biba melange. IRI NI IKOROSI RIKOMEREYE NKURU na DD yiwe
13 Ruhuhuma 2014, 14:43, par nkunda
mwebwe ntaco tubakema murabashingantahe koko.uwuzotorwa uwu’tari muri mwebwe azoba ari umu cndd yabinyegejemwo uwo nawe ntidushobora kumwemera nagato.kandi tuzobigaragaza.
13 Ruhuhuma 2014, 15:26, par Mahoro.
Hahahaaa ivya Politique biteye agatwengo pe
13 Ruhuhuma 2014, 15:56, par Barandemvya
Amahirwe yuko icegera ca. mbere c’umukuru w’igihugu ava muri mabo batatu mi. make. Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu asanzwe ari agafu n’amazi ku mukuru w’Igihugu yemeje ko Conciliya ariwe atwara Uprona . Bisigura ko abo yashikirije ngo president yihitiremwo ari bo bemewe . Naho Nkurunziza yokwihanura akavavanuru n’amanyanga amaze iminsi , ntashobora kugarukana Busokoza , turavye ikete ryamukuye . Gasutwa nawe. ntashobora kumugena kuko ashobora kuba amuzi ko ari mubo bita intagondwa za Uprona (aile dure ). Sahinguvu nawe ashobora kuzira ubushingantahe bwiwe , benshi barazi ko ari umuntu w’intungane . Biragoye rero ko Nkurunziza uko tumuzi hamwe n’abahanuz ibiwe bohitamwo izina rya Sahinguvu
13 Ruhuhuma 2014, 16:25
Ni batange abo bashaka bose kiretse aba sans échecs naba puchistes imbere y’uko batwereka aho bashize Ndadaye.Kuzana Busokoza na Gasutwa ni gukina abantu ku muvyimba.
13 Ruhuhuma 2014, 17:05, par Nkuru
Ahahahahahahah genda Burundi warakubitwitswe abobose ntamahirwe bafise icambucabo ngoterigereryanyuma ntimutangazwe nibi iyusesenguye ivyikinyamakurucitwa WWW.IMAGE.COM caricaravyanditse kuva bitaraba ewe pasteur uratwengeje.
13 Ruhuhuma 2014, 17:08, par Jewe
C’est quand-même étrange que l’UPRONA, aile Nditije, propose encore Bernard Busokoza au Président de la République qui venait de le limoger avec accusation. Cela rime une provocation et un bras de fer, dont l’issu est prévisible: le Président de la République ne peut pas se choisir un opposant comme collaborateur. Je crois le nom de Busokoza aurait plutôt dû être omis de cette liste pour inspirer plus de confiance à celui ayant pouvoir de choisir!