IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kongo:Abakongomani bavuga ikirundi n’abanyamulenge babanye nabi (...)

Kongo:Abakongomani bavuga ikirundi n’abanyamulenge babanye nabi n’abasirikare

lundi 17 Kigarama 2012

Imiryango igera kuri itatu y’abakongomani ivuga ururimi rw’ikirundi iramaze guhungira mu ntara ya Cibitoke kubera imishamirano iri hagati y’abakongomani bavuga ikirundi n’abanyamulenge ku ruhande rumwe n’abasirikare ba Kongo ku rundi ruhande.

Vyose vyatanguye ku munsi wa gatandatu itariki 16 Kigarama 2012. Uwo munsi akaba ariho hugururwa ibarabara riva i kamanyola rija i Buvira muri Kivu y’amaja epfo muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo(RDC). Iryo barabara ryari ryugawe imisi itatu imbere bitumwe n’urupfu rw’umwe mu basirikare bakuru bo murako gace.

Uwo musirikare abakongomani bo mu bwoko bw’abafurero n’abagwanyi b’aba Mai Mai hamwe na bamwe mu basirikare bagirije abakongomani bavuga ururimi rw’ikirundi n’abanyamurenge ko aribo bamwishe. Kuva ico gihe abakongomani bo mu bwoko bw’aba furero baciye bahungira mu misozi miremire , abo bakongomani bavuga ikirundi nabo bari kumwe n’abanyamulenge baca bigumira mu kiyaya ca rusizi. Imishamirano yabaye yarateye ubwoba bamwe muri abo bakongomani bavuga ururimi rw’ikirundi baca bahitamwo guhungira mu ntara ya Cibitoke. Bashikiye mu mirayango itandukanye y’aho mu cibitoke.

Haraheze amezi atari make hadasiba kuvugwa indyane n’imishamirano hagati y’abakongomani bavuga ururimi rw’ikirundi n’abandi bakongomani baba mu karere ka kivu y’amaja epfo na cane cane abo mu bwoko bw’abafurero. Abo bavuga ikirundi bavuga ko badatahura ukuntu abandi bakongomani babandanya babinuba kandi ku bwabo ngo ni abakongomani nk’abandi kuko bamwe muribo bagiye muri Kongo kuva mu mwa ka w’i 1880 bavuye mu Burundi.

Ubuheruka abahunze bitewe n’iyo mishamirano mu kwezi kwa Gituguti barenga 500 hakaba harapfuye n’abantu bashika kuri batatu bo ku mpande zose. Gushika ubu abategetsi ba Reta y’u Burundi n’aba Republika iharanira Demokarasi ya Kongo nta kintu kinini barakora kiboneka mu ntumbero y’ugutorera umuti ico kibazo.

Muri uyu mwaka aho mu karere ka Kivu y’amaja epfo na cane cane ahitwa Bwegera harabaye ibintu bitari bike vyerekana ko imigenderanire hagati y’abakongomani bavuga ururimi rw’ikirundi n’abandi bakongomani itifashe neza. Kibi kiruta vyose n’uko n’umwami w’abo barundi yishwe, bamwe bamwe bakibaza ko yazize ko adashaka kwumvira amategeko ya bamwe mu basirikare n’abagwanyi b’aba Mai Mai.

Kw’ifoto:Abangihugu bo mu gace ka Bwegera muri Kivu y’amaja epfo


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.