IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kongo: Impunzi mu buseruko zimaze kurenga ibihumbi 800

Kongo: Impunzi mu buseruko zimaze kurenga ibihumbi 800

samedi 15 Kigarama 2012

Amashirahamamwe y’abagiraneza amenyesha ko impunzi mu buseruko bwa Kongo ziyongereye cane kubera imirwano iheruka.Ngo baramaze kurenga ibihumbi 800

Ishirahamwe Medecins Sans Frontieres (MSF) ryabariye BBC ko ubu haharurwa abantu 800 000 bateshejwe izabo mu ntara ya Kivu y’uburaruko.
Ivyo bivuga ko izo mpunzi ziyongereyeko ibihumbi amajana atatu ku zari zisanzwe muri ako karere.

Mu kwezi guheze ako karere kabereyemwo imirwano hagati y’abasirikare ba leta ya Kongo n’abarwanyi ba M23.
MSF ivuga ko izo mpunzi zikeneye amahema hamwe n’ibindi bikoresho, ngo kandi usanga hari abahunze inkambi zimwe bakaja mu zindi muri iyi myaka iheze hari imirwano.

Umugwi M23, ugizwe ku ruhande rumwe n’abasirikare biyonkoye kuri leta ya Kongo, wagabishije ko ushobora gutembagaza leta nyuma yo gufata umuji wa Goma mu kwezi guheze, ukaza kuwurekura nyuma y’indwi zibiri.

Imirwano hagati y’abasirikare ba leta na M23 ubu isa n’iyahagaze, impande zombi zikaba ziriko zirategura ibiganiro mu gihugu kibanyi ca Uganda.
Ariko abanyamakuru bahegereye bavuga ko bitokwizerwa ko imirwano izohagarara rwose, abantu bashobore gusubira mu ngo zabo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.