IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Umukobwa mwiza "Miss France 2015" yamenyekanye

Umukobwa mwiza "Miss France 2015" yamenyekanye

lundi 8 Kigarama 2014

Ku ncuro ya 94, abafaransa baratoye umwigeme Miss France 2015 yatowe muri 33 bahiganwa, avuka mu ntara ya "Nord-Pas-de-Calais". Camille Cerf yari asanzwe ari Miss mu ntara iwabo, akaba asubiriye Flora Coquerel yahoze ari Miss France 2014.

JPEG - 61.1 ko
Camille Cerf, Miss France 2015

Camille Cerf aho bukera kw’igenekerezo rya 09 Kigarama akwiza imyaka 20, afise uburebure bungana 1,80 (1,80m). Agiheza gutorwa mu kibanza ca Miss France 2015 yabwiye abamenyeshamakuru ko yumva umunezero atoshobora gusigura, aravye umuryango wiwe akibuka ko se wiwe atakiriho. Camille Cerf yiga ivyigwa vy’ubudandaji.

Imigambi yiwe ya mbere ya Camille Cerf, harimwo kurwanya indwara ya kanseri bivugwa ko ariyo yishe se wiwe. Kuri iri genekerezo rya 08 Kigarama, Miss France yatanguje uruganda yise "secours populaire" akorana na UNESCO.

Tubibutseko Camille Cerf yatowe mu bakobwa 33 bahiganwa bafise hagati y’imyaka 18 na 24, yakurikiwe na Miss Tahiti, yaciye aba uwo bita (première dauphine), Miss Côte d’Azur, (2e dauphine). Hanyuma Miss Aquitaine na Alsace aba gatatu na kane (3e et 4e dauphines). Umurwi utanga amanota wari urongowe n’umuhinga mu gutwenza "comedien" akaba n’umuririmvyi Patrick Bruel, icegera ciwe yari Laure Manaudou, abandi n’umuririmvyikazi Shy’M, umumenyeshamakuru Jean-Luc Reichman, Stéphane Rousseau, Philippe Bas hamwe na Valérie Bègue yabaye Miss France mu mwaka w’2008. Ibirori vyabereye i Orléans, komine yo mu Bufaransa iri hagati hashira uburengero.

Ikindi twobamenyesha n’uko kuva Miss France itanguzwa mu mwaka w’1920, Miss Agnes Souret ico gihe yari afise imyaka 17. Yahiganwe n’abagera kuri 1700 n’ubu aracemerwa ko yari mwiza kuruta abandi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.