Accueil > Amakuru > Poritike > Paul Kagame yamenyesheje uko abona ikibazo c’Uburundi
Paul Kagame yamenyesheje uko abona ikibazo c’Uburundi
vendredi 8 Rusama 2015
Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, asanga umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yoraba kure, mu gihe abanyagihugu boba berekanye ko batamushaka.

Aho ari mu gihugu c’Ubuswise umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yamenyesheje ubwa mbere, uko abona ikibazo c’Uburundi, ic’umutekano muke, nico ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bwokora.
Paul Kagame yavuze ko ikibazo c’Uburundi kitajanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ariko ko cerekeye icova muri ico kiringo.Yavuze ko igihe abanyagihugu batagushaka hari iyindi ntambwe uba utegerezwa gushikako.
Paul Kagame akibaza ingene wobwira abanyagihugu ko uzobatwara babishaka canke batabishaka,mu gihe abanyagihugu bawe boba bakubwiye ko batagushaka.
Yabandanije avuga ko abarongozi b’Uburundi bategerezwa gukora vyinshi mu guhagarika ikibazo c’abanyagihugu babandanya guhunga. Ku ruhande rw’Urwanda ruzobandanya kwitaho impunzi, ariko hari ivyo badashobora kurenza.
Umukuru w’igihugu c’Urwanda yavuze ko bazobandanya gukora ibishoboka vyose mu kwitaho impunzi ,ariko kandi ko atari ico kibazo nyamukuru kuko ikibazo ari icokorwa kugira ntihagire impunzi zisubira guhunga.
Mwomenya ko umukuru w’igihugu c’Urwanda aheruka kubonana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi i Huye, bavugana ku bibazo bitandukanye harimwo ikibazo c’umutekano mu Burundi.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Rusama 2015, 14:00, par jonasi
Il ne mange pas sa Bouche On le connait
8 Rusama 2015, 14:26, par kliket
Paul Kagame yavuze ko ikibazo c’Uburundi kitajanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ariko ko cerekeye icova muri ico kiringo.Yavuze ko igihe abanyagihugu batagushaka hari iyindi ntambwe uba utegerezwa gushikako. AYA MAJAMBO ATEYE IMBEHO MU MUBIRI KANDI PETER NTAYAFAT MINENEGWE KUKO ARASUMBIRIJWE. JEWE MBAYE NDAMUZEYE
8 Rusama 2015, 15:18, par philibert
Ivyo Umukuru w’igihugu c’uRwanda avuga nivyo ariko ntibikwiye ku bwanje.
Icambere nuko Nkurunziza , kuva atwara yabandanije ashigikira kwonona canke gushigikira aboza ikigega n’amafaranga ya leta . Ivyerekeye bonne gouvernance vyo vyo ntawoba akibivuga.Mwariboneye ingene yakuye icegera ciwe umushingantahe Busokoza agaca yishiriraho abo ashaka . Mwarabonye ingene imigambwe ikubagurwa numushikiranganje wintwaro yo hagati .
Icakabiri naco nibaza umukuru wigihugu c Urwanda yari akwiye gushikako nivyanditse mu masezerano yi Arusha na Constitution, biribonekeza yuko Nkurunziza abibonamwo ibipapuro gusa . Abanyarwanda basoma ivyo nandika barumva ico nshaka kuvuga . Uko niko ya ntagondwa ya Habyarimana yavuga igihe FPR na leta yico gihe bashikra umukono ku masezerano yo muri Tanzania . None mwumva ivyo ari ibiki ga yemwe .
8 Rusama 2015, 15:28, par sakubu vital
uko kagame abibna jew suko mbibona! nubundi harya president ntaronka 100% des voix. murabona ko mubisazwe mukwerekana ko umuntu udakeneyeko agutwara ureka kumutora ariko twebwe muburundi mukwerekana ko umuntu udakeneye ko agutwara ureka guhiganwa nawe kugira amatora azoce areka kuba bikunde habe reta mfatakibanza. ivyo bikaba vyarabonetse 2010 nubu akaba arivyo bigira bibe! ninkumwana abona ataza guhaga agahitamwo kuzira imfungurwa. ntamenyeko fin de fin inzara iteba ikamufata bigasumba ivyambere! uwubonye yotsinda avuga ati jeho wobuzira nkabwirira bwose woba ukoze. muburundi rero hari politique ya tura tugabure wase bimeneke! sino abatemera ko prsident yitoza ni abatomutoye nyene. kagame rero areke kubuga ngo abanyagihugu ntibamwemera kuko ntamatora araba ngo bavyerekane. bujumbura n’est pas representatif de tout le Burundi. kandi nabujumbura siyose itamwemera!
8 Rusama 2015, 15:29, par sakubu vital
uko kagame abibna jew suko mbibona! nubundi harya president ntaronka 100% des voix. murabona ko mubisazwe mukwerekana ko umuntu udakeneyeko agutwara ureka kumutora ariko twebwe muburundi mukwerekana ko umuntu udakeneye ko agutwara ureka guhiganwa nawe kugira amatora azoce areka kuba bikunde habe reta mfatakibanza. ivyo bikaba vyarabonetse 2010 nubu akaba arivyo bigira bibe! ninkumwana abona ataza guhaga agahitamwo kuzira imfungurwa. ntamenyeko fin de fin inzara iteba ikamufata bigasumba ivyambere! uwubonye yotsinda avuga ati jeho wobuzira nkabwirira bwose woba ukoze. muburundi rero hari politique ya tura tugabure wase bimeneke! sino abatemera ko prsident yitoza ni abatomutoye nyene. kagame rero areke kubuga ngo abanyagihugu ntibamwemera kuko ntamatora araba ngo bavyerekane. bujumbura n’est pas representatif de tout le Burundi. kandi nabujumbura siyose itamwemera!
8 Rusama 2015, 15:43, par Jean
Mugabo KAGAME KO IBYO ARIMWO ARAVUGA KO NTABYUMVA NEZA?NKURUZIZA ARAMERA MAGABO KUKO KAGAME YAMUBURIYE.cndd nitonda ngo ifate ingingo yo kuvavanura na FDLR izokwibonerako.
8 Rusama 2015, 16:42, par none
none nuze udufashe kumukura nuvuga gusa nyaruka nimba urinda wihurire numugwayi wo mu mutwe.
8 Rusama 2015, 16:46, par tonny
murarab nez avug ikirundi kitasobanutse neza bisobanur k haric bob baravuganye atashitseko.umv ngo:abanyagihug ntibanka ikiring ca 3 ahubw icovamw!!ntaco mwumvamw aho????
8 Rusama 2015, 16:57, par Congera
Paul Kagame ivyavuga arahumba kuko ngira yarahumirije igihe ama television atandukany yerekana ukuntu abantu bari isinzi igihe atangwa n’umugambwe ngo yitoz mumatora ya 2015.ahubwo ntadusamaz jeux ziw zos abarundi Turazizi.mwibaza ko urwo arurukundo akunda Abarundi? Bararundi isinzi turinyuma ya Peter Nkurunziza.noneho burakey tubimwereke mumatora
8 Rusama 2015, 17:21, par vuganeza
Il saigne comme tout le monde niyakire izo mpunzi hanyuma adukureko induru ce dictateur qui pense que c’est un dieu vivant yitwaje kwica abantu!
8 Rusama 2015, 17:27, par Mishiha Kirehe
Poro Kagame Na Reke Kwivanga Nibirikobiba Muburundi Ubwoo Nta Bifisemwo Uruhara
8 Rusama 2015, 18:17, par Desire
Kagame Urimvugakuri Pé!Nkurunziza Nagend Ntitukimushaka!Hama Abavuga Kuri Dictateur Barihenda!Uzingen Watej Imber Ugwanda,iyizir Muburundi Tugomba Dupfe Ninzara
8 Rusama 2015, 19:03, par Fabien Ndayizeye
Yavuze neza cane,ntawutwara abantu ku nguvu.Abanyagihugu barishwe kuva muri 2005 agishika ku butegetsi ntaco yigeze akora canke ng’avuge.Ubu nih’abonye ko har’icagiye kutumarira atari ukuduhereza mu kaburi canke mu gasho?Jewe naho yotorwa sinzigera ndamwemera nk’umukuru w’igihugu c’uburundi!Nzopfuma nemera mpunge nzogaruka yapfuye canke atakiri ku butegetsi.
8 Rusama 2015, 20:12, par Kalisa Fidele
Wowe wiyita Vuganeza, nta soni ufite zo gutuka President Kagame wa kijuju we! Wa bidahwe we urazi ko dushobora kukurondera kandi tukamenya aho uri tukagukanira urugukwiye wa nterahamwe we! Wasanga uri imbonerakure cyangwa uri FDLR cangwe uri muri ba barundi bakoze genocide mu Rwanda ubu bakaba batinya kugaruka. Icya mbere co Urwanda rwasize uburundi muri vyose haba mu isuku, amajambere, inyubako, commowearth, east africa etc.....Uzaze urabe abarundi buzuye mu Rwanda bakora akazi k’ububoyi, ubuyayan,kurima, n’ibindi vyinshi kandi bahembwa kurusha uko un fonctionnaire burundais ahembwa wa mugwagasi we! Abarundi babi nkawe barakarungwa ko amabuye/amaberege! Ntimukatwigereranye ho twarabataye cyera cyane!
8 Rusama 2015, 20:28, par Hutsi
Muntumbero yokwanka gukonerabashi uwo Kagame nkuko abanyarwanda yatinangaje bakunze kuyamukomera atanikintu kizima avuze kiboneka. KAGAME KURIKIRANANEZA NDAKWIGISHE KUBIJANYE NUMU PRESIDENT NABATWARA: NDASHAKA KUGUHA AKARIRERO KIGIHUGU CIGIHANGANGE CA AMERIKA, KESHIMURICOGIHUGU NTAMU PRESIDENT AKUNZEGUTORWA KUBICE BISHIKA 60% UCUBONAKO ABABABATAMWEMERA BABABASHAKA KUNGANA NABANWEMERA. NUNE NTUBONAKO TWEBWE ABARUNDI IVYUVUZE KUTUGUSETSE AHOKUGUKOMERAMASHI NKUKO ABOWATINANGAJE BAKUNZE KUYAGUHENDESHA? WASHAKA WOVUGAMAKE CANKE NOGUSEKA UGASEJAGAKE NUBWO GUSEKAKWAWE ARUGUSHINYIRIZA ABATAKIZI BAKIBAZA NGURASETSE.
8 Rusama 2015, 20:59, par sogiyagasi
wowe wiyita kirehe na nuwiyita vuganeza muge mwiha gushaka gutukana nta muco ulimo kandi kwadukira ugatuka umuntu nta kinyabifpura kilimo ubundi wowe ulacyali umwana muri portic kuki wumva umuntu uvuze uko udashaka ko wa herako umutuka mugye mikura mubwonko ndumva ntampamvu yo guherako utuka umukuru wogihugu cyu rwanda niyo mpamvu mwahereyeko mufunga ibinyamakuru nako ndibutse nabonye umuntu wabzbwiye inkuru itarabanyuze bamuca umunwe waruguru iyo nta democras irimo icyonigitugu nizere muzihana kandi uvuze ko nyuru rugo yapfuye siwe uba umwishe
8 Rusama 2015, 21:27, par kanyosha
mwese nkurunziza murameoshya bamutwaye irahe ntanumwe wamugeza no kukibuga kindege cya bujumbura twarababonye ba BEMBA CHARES TEYIRA SOROBODANI NTAGANDA TOMA RUBANGA NABANDI BENSHI
8 Rusama 2015, 21:38, par Emery
Kagame yaramuhenze
niyabagomba kumerankawe
wew abarundi bazomukurako
bamucuritse naveko kuberako
aruswa ijambo koseye
8 Rusama 2015, 22:40, par mutabazi
Abatazi kagame ni umwicanyi Ruharwa akaba inkoramaraso iruta izindi . Abazi amateka niwe ubu witwa Hitlel 2. Ndumva ntasomo yagombye guha abarundi uwo munywamaraso
9 Rusama 2015, 00:00, par Ntamikino
Mzee uvuzukuri izo Ndede nazo zikoropwa mu mitwe zihendeshwa imfungurwa we ngojatu siku ni siku.....
9 Rusama 2015, 00:57, par mutabazi
Uwo mwicanyi nta somo yagombye guha abarundi.
9 Rusama 2015, 06:36, par Barekayo
IGIHUG NTIKIGARKIR I BJA.NAJ MUR INTERIEUR ARAB UKUNT TUMUKUND.HI, HI ,HI., NDAMUSETSE.NARABANWE NAMA DOSSIERS YA BA KAYUMBA NYAMWASA IVY ABARUNDI ABIVEMWO NTIBIMURABA!
9 Rusama 2015, 07:40, par sogi
ko mbona mwese nta nama mutanga ndabona ntakindi muzi usibye gutukama gusa muribinya musozi gusa
9 Rusama 2015, 07:46, par Umwenegihugu
kuki atatubwira uko Cyprien Ntaryamira bamwishe, kuki les traîtres Sinduhije, Sylvere,Radjabu et autres bahungiye iwe kandi akabaha des body guards, on sait très bien ibiriko biraba ari plans ziwe, abanyarwanda yishe akabata mu Rweru, abateye mu Cibitoke yabarungitse acishije muri Congo vyose turabizi rero ntabone abarundi twicecekeye ko turi ibigugu ariko ndamucire agace, ba sokuru barayamaze ngo INGOMA IYO IHINDA CANEEE IBA ISHAKA KUMENEKA, un bon entendeur salut!
9 Rusama 2015, 09:36, par Umunyarwanda
bavandimwe babarundi kagame ntago ari umunyagitugu nkuko amaradiyo mpuzamahanga yirirwa abashuka,niba mushaka kubireba please murebe ahabaye abanyagitugu nta terambere ni kinyabupfura biharangwa ariko muzaze mu rwanda murebe aho tugeze twiyubaka.mugabanye rero kudutukira president mugumane amatiku yanyu mu marane kuko ziriya ni inama yabagiriraga twe ibihe nkibyo byurwango twabinyuzemo biduha ni somo rikomeye nubwo hatabura bamwe nabo batari benshi batava ku izima!.so rero umuti wibibazo mufite si ukwirirwa aba polisi barasa civilians nazo zitwika ngo abitwa imbonerakure ahubwo umuti ni ukumenyako icyo mupfana kiruta icyo mupfa kdi disi wasanga nkamwe muba mwabishyushyemo nta nicy mushinzwe mu migambwe yanyu!
9 Rusama 2015, 10:09
Turazi Ico Ugamije Mugabo NTaco Uzoshikako Abonabo Wahaye UBuhungiro Ukobagie Niko Bazogaruka Nawe Tuzobuguha Mumyaka Iri Imberre Wewe Rindira
9 Rusama 2015, 10:32, par gahima
mwaretse gutukana ko ntamuco ulimo ibyo yavuze ni myumvire ye kuki yaba intandaro yo kudutukila umkuru wigihugu nimwisonere nimutange inama yubaka igihugu cyanyu
9 Rusama 2015, 10:33, par Gasore
Mureke ndabahanure! Ibiriko biraba mu Burundi birafise aba acteurs benshi! Gusa mworeka mwasiga amagambo yo gutukana gushushanya imitwe: abarundi turagomba gufatana mu nda atanumwe uvuyemo, turagomba gushishoza cane gose kugira igihugu kitaja mu mwijima w icuraburindi ryo kumeneka kw amaraso. TWAGOMBA KWIMA AMATWI ABO BOSE ( abanyamigamvye, opportunistic b ababanyamahanga,...) BAGOMBA IBINTU BIGUME VYUNUKE MU BURUNDI BABONE UKO BASHIKA KUCO BIFUZA KITAZANA INYUNGU KU BENE GIHUGU BOSE.
Naho ivyo gushakwa n abaturage bose cange benshi ivyo nimubireke....None ko abaja mu mwiyerekano ari abadashaka ko Nkurunziza yongera kwitoza , ababisha bo hari uzi uko bangana cane ko bataja mu ibarabara? Ikindi ko mbona abenshi ari imiyagara womenya ari iku boba bahawe? Nibura bo barafise uburenganzira bwo kugaragaza ico bipfuza.
BARUNDI DUKANURE CANE HARI ABAGOMBA BADUSENYERE IGIHUGU KANDI TUZOKWICUZA KO TUTABAYE VIGILEANT!!
9 Rusama 2015, 10:35, par Burundi
Kagame arakanga abanyarwanda yamaze kubifatira nk’abafungwa. Abarundi turarekuriwe kuvuga. N’acinyize abahutu ariko umunsi wiwe uzoshika. Ce dictateur assassin !!! Uyo Kalisa Fidele nawe ngo tureke kuvuga ngo azoza kuturondera. Ahubwo nimuze muturondere turazi yuko mwamenyerey kurya inyama z’abahutu
9 Rusama 2015, 13:13, par munezero gervais
kagame nareke kuvugako abanyagihugu ngo ntibashaka nkurunziza ico yomenya nuko atawukundwa nabose abiruka nibiruke mugabo abamwemera bariho ntusubire kuvugango ntabamwemera abatamwemera azobemeza.
9 Rusama 2015, 13:38, par ndori
ndabona abarimo gutanga inama bamaze gufata umurongo mwiza wo kujya inama yicyakorwa kugirango igihugu cyabaturanyi cyive mumage dasaba ubwanditsi bwi kinyamakuru ko bataha umwanya abananirwa gutanga inama bagahugira mugutuka umukuru wigihugu cyacu murakoze
9 Rusama 2015, 14:01, par ndori
ndabona abarimo gutanga inama bamaze gufata umurongo mwiza wo kujya inama yicyakorwa kugirango igihugu cyabaturanyi cyive mumage dasaba ubwanditsi bwi kinyamakuru ko bataha umwanya abananirwa gutanga inama bagahugira mugutuka umukuru wigihugu cyacu murakoze
9 Rusama 2015, 14:43, par TEGERA
Ayo makuru ni ukuyitondera! Abandika nk ibi bajye babanza bacukumbure hanyuma bavuge inkuru zifite gihamya (facts / evidents) kuko bishobora kurangira bizanye intambara hagati y ibihugu bibiri. Nagomba mbahanure ntihagire uwishimira iyi midugararo yashikiye u Burundi: abantu babyitwayemo nabi vyazana intambara y akarere hanyuma ivyanuwe bigasohira kdi vyazaziga ibihugu vyose vyo mu karere bikozweho iyo ntambara igasiga hasesetse amaraso menshi. INTAMBARA IRASENYA NTIYUBAKA......KANDI BAGASHOZA BAYO BIRATINDA CG BIKIHUTA BAKABIBAZWA N AMATEKA cyangwa se ayo maraso yasheshwe akazabasama.
Birakwiye ko abantu bashaka ineza yabo n iy abo baturanye.
MUSENGE CYANE KANDU MWIYUNGE N IMANA KUGIRA NGO IMANA YO MW IJURU ICE INTEGE NDETSE ITESHE AGACIRO UMWUKA W INTAMBARA MURI KANO KARERE K IBIYAGA BIGARI KUKO UTAMENYA UWO IZAHITANA N UWA YIROKOKA
9 Rusama 2015, 16:00, par VITAL
MBE KAGAME YABONYE GUTE KO NKURUNZIZA ADAKUNDWA? BURYA KAGAME WEWE AKUNDWA NABOSE? AKARIMI KAVUG’ABANDI KARAGOROROKA
9 Rusama 2015, 17:58, par betty
ariko ndabaza piter nkuru nziza atabaye prezident arumva ntayindi mirimo yashobora kubina popuration 50000 yarahunze arunva abasigaye bamutora bose? nukuri kuneza yiwe niyegure niho azaba abaye se barundi naho ubu ntabwo ari se barundi ari kurengera inda yiwe niyabandi bakeya bamubesha nave ibuzimu aje ibuntu yiyumvire neza agirire umujyango wiwe kuko uyu munsi umwana canke umufasha wiwe ntaco bazira nareke kwiyumvira hafi cane arebe kure ahe amahoro abarundi bararushe kandi nawe ahari ndazi neza nawe ntayo afise vraument mureke kubeshana
10 Rusama 2015, 05:40, par Habonimana Oscar
Nareke Kagame gushikuza!abenegihugu Petero Nkurunziza turamukunda neza caaane uretse akagwi kabantu bamwe bamwe
10 Rusama 2015, 08:07, par Umutabazi Liesse
Erega Muramenya Ntawukundwa Na Bose!Kandi Nabamwiyamiriza Si Bose!Ahoho Umuntu Kugira Abeho Akundwa Na Bose Nta Numwe Yoba Kuri Iy’Isi Yimana!Nico Gituma Umukuru Wacu Wigihugu Cuburundi Ategerezwa Kwitoza Bamwe Ba Vyanka Ba Vyemera.Kandi Nyakwubahwa Honorable Umukuru Wigihugu Cuburundi Siwe Afise Inyishu Yibibazo Biri Mugihugu,Ati Gute;Bakimenya Ko Azitoza Baciye Baja Mwibarabara Ico Gihe Nyene;Uko Bagiyeyo Base Kuvayo Na Neza Bazovayo Kugahato Kuko Ntitwokwemera Kimigambi Yigihugu Ihagarara Kubera Akavuyo Kabantu Bariko Barekrama Ibitarivyo.
10 Rusama 2015, 08:24, par Dieudonné
Emwe KAGAME ntamaramara!ubwo yobasumvya NKURUNZIZA gukundwa?kandi nabe areka gushikuza kuko kuko vyaraye bibonetse ico abari mumigumuko barondera kwari uguhonya imbonerakure bazikereye canke baziturije ama pine.mbega iyo niyo demokarasi canko niyo masezerano ya Harusha Kagame ariko arashigikira ?ivyiwe turabizi kandi ntiyibagire ko ibanyarwanda nubu bicicwa nubutegetsi bwabo nabahunze bakicrwa mubuhungiron
10 Rusama 2015, 10:21, par muhimpundu
Kagame nakomere kwibanga.urazi ngene afashe neza impunzi!
11 Rusama 2015, 08:26, par che
Ariko Kagame nta kintu kibi avuze. Ivyo ari vyose naho ntawukundwa na bose, ntihagire uwirengagiza ko abantu bariko baricwa gahoro gahoro, sinzi nimba ivyo arivyo bamwe bariko barita gukundwa kwa Nkurunziza.
11 Rusama 2015, 08:49, par nkurunziza
intiraba niyo ntinegura kabisa!mbe kagame kuvuga peter ntibamukunda,uritoza biciye mumuco urabe ko rwanda uhagira na rimwe?ko utwaza umukazo,aka ata na radio yigenga nimwe ikorera mu rwanda!!akarimi kavuga inangore karagororka!!ubonye vyakunaniye kwifatira uburundi none uriko uja kubutangako amakuru!!banza ukemure ivyawe kuko navyo sibike!!ureke no kuza urica abantu ubahora ubusa!!mbe uburundi bugizwe na zirya commune gusa?ko ahandi hatekanye?ahubwo baraza iwawe ubahe ubuhungira batuvirae mugihugu!nta leco urwanda rwigisha uburundi,ziba ntaco uvuga!!burakeye nawe tukurabe!!Kagome!!!
11 Rusama 2015, 09:22, par GAHINZI
Kubona ko nkurunziza adakundwa biragoye? Hari abari mw’ibarabara bamwiyamiriza, hari abariko barahunga igihugu c’uburundi kandi bagahungira mu Rwanda.Hari ikindi cemezo kiruta ico.
11 Rusama 2015, 15:12, par kpatrick@yahoo.com
CNDD nireke ibyo irimo kuko byaramenyekanye;FDLR niyo yatoje imbonerakure i Congo,CNDD na Adolphe nibo bishe babantu bata muri rweru ngo bahindanye isura nziza y,Urwanda.Twebwe uwo tuja gusiga turamurinda.CNDD urwanda rurabakosora mugume hamwe muzoraba.
12 Rusama 2015, 13:07, par p
Hahahaaaa burakeye turabe