Accueil > Amakuru > Amashuri > Kutarungikwa kunonosora ivyigwa hanze nivyo vyatumye bahagarika (...)
Kutarungikwa kunonosora ivyigwa hanze nivyo vyatumye bahagarika ivyigwa
lundi 11 Myandagaro 2014
Imvugo yabaye ingiro, ba banyeshure biga mu gisata c’ubuvuzi muri kaminuza y’Uburundi bakeneye kuja kunonosora ivyigwa hanze, bahagaritse ivyigwa nk’uko bari bagabishije, bamenyesha ko batashimishijwe na gato n’insiguro zatanzwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi.
Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 11 Myandagaro, abanyeshure biga mu gisata c’ubuvuzi bakeneye kuja kubandanya amashure yabo hanze (troisième cycle) bahagaritse ivyigwa. N’aho ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bwari bwatanze insiguro ko habaye ikibazo c’uburyo, mbere ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bukaba bwari bwasavye abo banyeshure ko bokwihangana bakaguma mu mashure kuko uburyo buriko buraronderwa, abo banyeshure bamenyesha ko batashimishijwe n’insiguro zatanzwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza, ari nayo mpamvu bavuga ko bahisemwo guhagarika ivyigwa.
Tubamenyeshe ko abo banyeshure bahagaritse ivyigwa, bagiriza ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi ko bwahagaritse kubarungika kunonosora ivyigwa hanze, bakavuga ko imyaka ibiri yose irangiye batarungikwa ,kandi babifatiye uburenganzira. Mu rwandiko bari basohoye mu ntango z’iyi ndwi twarangije, abo banyeshure bari batanze iminsi itanu, kugira ikibazo bafise kibe catorewe umuti, atari uko naho bari bamenyesheje ko baca bahagarika ivyigwa, nk’ uko vyari vyashikirijwe na Pacifique Njejimana, umwe muri abo banyeshure.
Floxella Karire
Messages
11 Myandagaro 2014, 12:59, par kistudent@yahoo.fr
Abarundi muri ibicucu kweli. Musigaye muri umuti w’amenyo muri africa. Aho kwiga izo ngegera ziririrwa muri greve?